IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Akarwi k’abasore bakorana n’igiporisi kagirizwa gukubagura (...)

Kamenge : Akarwi k’abasore bakorana n’igiporisi kagirizwa gukubagura abanyagihugu

jeudi 3 Mukakaro 2014

Abantu bagera ku 200 bavuga ko batagira aho bakika umusaya inyuma y’aho birukaniwe ku Mase aho bari basanzwe baba haraciye iminsi itari mike. Abaporisi bafashanije n’akarwi ka bamwe mu misore bakaba babakubita, nk’uko abo banyagihugu bavyivugira.

Umwe muri abo birukanywe ku Mase, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko atagira aho akika umusaya. Uretse ko uwo mukenyezi yayagiye ikinyamakuru IGIHE ko ari umupfakazi, amenyesha ko n’abana biwe ubu batagira aho baba, batse indaro mu mihana y’abagiraneza. Uwo mupfasoni yanse ko tumuvuga izina ku bw’umutekano wiwe, akaba yavuze ko abaporisi n’abandi basoresore bavuga ko bafasha gucungera umutekano babakubita, bakababuragiza aho bababonye.

Amwe mu mazina avugwa cane kuba ari mu babangamiye abo banyagihugu, akaba ari nk’uwitwa Ndikumana Renovat, Disimasi, Jean Marie na Issa. Abo bakaba bagirizwa gukorana na bamwe mu baporisi, mu ruhigi rw’abanyagihugu bataronkejwe aho bubaka uduhema mu Carama, inyuma yaho birukaniwe ku Mase. Batangazwa n’uko abajejwe gukingira umunyagihugu aribo bagaruka bakabakubagura. Basaba ko hatoba nyagupfa na nyagukira, ko bose boronswa aho baba n’imiryango yabo, nayo igiporisi kigakingira bose, atakubirukako nk’abakozi b’ikibi.

Baremeza ko bamaze kwitura umuhuza w’abarundi. Ariko ikibazo cabo kikaba n’ubu ata muti barakironkera, kuko bahorabaja kwishuza, ariko ntibaronke inyishu ihumuriza. Mwomenya ko kuri rusasuma yari yakozwe, bari babonye ko abari bakeneye kuronswa ibibanza babamwo bari 507, haca haronka 307, nayo amajana abiri, ubu bakaba batagira iyo baba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Reta irindiye iki kubatunganiriza!Ko batubwira ko hariho amashamba na maparcele yayo!Bashaka yo guha abashingamateka na bashikirangaji nabone duhemba amadorari!Basha,ahaaa!

  • Hanyuma Pierre Nkurunziza ngo vyose mugihugu bimeze neza!!Burya ntimuze mwibaza ko ivyo bitazobagarukaz?Ngo bari bituye umuhuza!?Umuhuza w’abande?Nabe aririra ivyo biceri n’ubundi buronsho butagira uko bungana nawe ivy’iwe birazwi.Ariko bitebe bitebuke bazohinyuka.Kuki ntakuntu bozokomeza banunuza imitsi y’abinazi ngo vyijane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.