IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Ibarabara ry’indwi rigeze aho umwansi ashaka

Kanyosha : Ibarabara ry’indwi rigeze aho umwansi ashaka

mardi 22 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Kanyosha na cane cane kw’ibarabara ry’indwi babaye mu bwoba budasanzwe bivuye ku mvura yahitanye ibarabara, naryo rikaba ryarimburutse bimwe bidasanzwe.

Abanyagihugu bo kuri iryo barabara bavuga ko batabaje kuva kera ko ryosanurwa, none rigeze aho umwansi ashaka, ndetse abagendesha imiduga canke ibindi, bakaba bahaca ubwoba ari ikrenga, kuko babona ko bashobora ndetse no kuhahurira n’isanganya. Iryo barabara rero urishitsemwo uriko uragendesha umuduga canke ipikipiki bigasaba ko umuntu yitonda rwose, kuko yohagirira isanganya. Ivyo bigatuma ndetse n’abagendesha imiduga ija mu Kanyosha basa n’abahevye iryo barabara kuko bamenyesha ko imiduga yabo yononekaye cane.

Abajejwe intwaro mu Kanyosha, bakaba bavuga ko ivyo bishitse mu gihe nabo basaba abajejwe igisata c’amabarabara kuraba ukwo borisanura, kuko rishobora kuziha inkumbi. Muri iki gihe c’imvura naho, bikaba vyarabaye urudubi, kuko munsi y’iryo barabara haciye himburuka, hakaba hasigaye akantu gato ngo ridenduke, eka n’imiduga iricamwo ikaba ifise ingorane,. ikuko igendana hange.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.