IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abadandaza ubwanwa bwapfutse umunwa

Kayanza : Abadandaza ubwanwa bwapfutse umunwa

samedi 31 Rusama 2014

Isoko ya Kayanza yaraye ihiye iratokombera, eka abahora bayidandarizamwo bakavuga ko ubwanwa bwapfutse umunwa.

Nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umuhingamo kuri uyu wa 30 Rusama, akaba ariho haza abantu b’inkozi z’ikibi nubu bataramenyekana bagaca barasa umunyagihugu azwi kw’izina rya Amissi, aca aritaba Imana, nayo abandi batatu baca barakomereka cane, ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vyaho mw’isoko rya Kayanza.

Nk’uko aya makuru ava mu Kayanza abivuga, abo bicanyi bakaba aribo baciye badomeka iyo soko ica irasha iratokombera. Umuduga waza gufasha kuzimya, ukaba waje uva i Ngozi, uwo nawo, ukaba washitse utevye, eka ndetse ukaba ataco washoboye gukiza kinini, kuko abahakorera bo, bahacikiye amaboko.


Aristide Nizigire

Messages

  • None iyi mana yo kwa Edouard iturira amasoko ntiyoyibwira ko twarushe ikatubabarira. Vyose bizoja ahabona umusi niwagera.

  • Ibintu birikuba mu burundi mubirabe neza kuko biteye ubwoba nagahinda ndahojeje abahonvye bose ntibihebure Imana irababona

  • Ariko iyinzu mbonirikwirasha siyahano mukayanza? Hanyuma ndihanganishije abahitaniwe ivyabo nuwomuriro nkongera nkihanganisha ababuze uwabo ahitanywe nizonkozizibibi. Birababaje kubona abanyagihugu barimunzara idasanzwe ariko umuntu akaza guturira nutwariho!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.