IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abajejwe intwaro hasi bakekwa kuba bafasha mu rudandaza rw’inzoga (...)

Kayanza : Abajejwe intwaro hasi bakekwa kuba bafasha mu rudandaza rw’inzoga zitemewe n’amategeko

lundi 24 Ntwarante 2014

Mu ntara ya Kayanza, inzoga zitemewe n’amategeko zarafashwe n’abaporisi ndetse zica ziraseswa mu bice bitandukanye vy’iyo ntara.

Amaritiro agera ku 1200 yasheshwe mu ntara ya Kayanza, afashwe n’abaporisi bafashanije n’abarongoye intwaro, nayo amaritiro amajana atanu yafashwe, aca aseswa i Maruri muri zone ya Kibuye ahonyene mu Kayanza. Izo nzoga rero zikaba zari zimaze iminsi zidandazwa mu mpisho, ariko abarongoye intwaro hasi, bikanurwanugwa ko baba babizi ariko bakihorera, ariho usanga izo nzoga zidandazwa atacamira. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza, bagasaba abajejwe intwaro n’umutekano guhasha abadandaza izo nzoga, kuko uretse ko ziri no mu birwiza ubunebwe muri iyo ntara, ziri no mu bihungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Abandaza izo nzoga bagera kuri batanu bakaba barafashwe, ndetse baca barajanwa mu minwe y’inyamiramabi. Muri abo bafashwe, hakaba harimwo umugore n’umugabo wiwe. Intara ya Kayanza rero, ikaba iri mu zindi ntara z’igihugu zigira urwo rudandazwa rubujijwe n’amategeko, mu gihe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko izo nzoga zibangamira cane amagara y’abazifata.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.