Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza: Umuntu umwe yaraye agandaguwe
Kayanza: Umuntu umwe yaraye agandaguwe
dimanche 9 Ruheshi 2013
Ku mutumba wa Kivoga, komine Gahombo intara ya Kayanza, umunyagihugu umwe yaraye agandaguwe acumiswe imbugita mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uwa mungu.
Uwo yaraye agandaguwe akaba yari azwi nk’uwuri mu murwi wahora urwanya abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko, kanyanga n’ikibarube. Mu muryango w’uwo yaraye agandaguwe baratunga agatoke ubutegetsi bwo hasi ko bwoba buzi ibijanye n’urwo rupfu rurimwo igipfungu cinshi kuko uwo yishwe yaramaze imisi amenyesha ko umutekano wiwe ubangamiwe.
Umukuru w’umutumba Kivoga yamirira kure ivyo yagirizwa akamenyesha ko imigenderanire yiwe n’umuryango wabuze yari yifashe neza. Abantu batandatu nibo bamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
Egide Nduwimana