IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidum na Frankie bavuga ko batoteranywa n’amahera kandi urubanza ruri mu (...)

Kidum na Frankie bavuga ko batoteranywa n’amahera kandi urubanza ruri mu butungane

mercredi 1er Ndamukiza 2015

Kidum yahavuye ava mu Rwanda ataronkejwe amahera Frankie Joe yamusigariyeko, ariko yasize ahaye ibirego umushingwamanza amufasha kuburana.
Frankie Joe yandikiye Kidum ko naho ivyo bibaye azoguma amwubaha kandi amufata nk’uwamuboneye izuba, Kidum ati : "Ndaguhariye"
.

Kidum yategerezwa kuva mu gihugu c’Urwanda kuw’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante, asubira muri Kenya, ariko kubera impari yagiranye na Frankie Joe vyatumye asiba urugendo. Kidum rero yahavuye afata urwo rugendo ku mugoroba w’igenekerezo rya 30 Ntwarante. Kidum yagiye asigaranye umushingwamanza wiwe ibirego bijanye n’amahera hamwe n’ibindi Frankie Joe atamukoreye. Aha twovuga amahera angana amadorari 2000 (2000$) bamusigariyeko, amahera y’inzu yashikiyemwo (Chambre d’Hotel), hamwe n’umwanya yamutesheje yishuza amahera yakoreye. Ivyo birego Kidum arega Frankie Joe vyari bitegekanijwe ko bishika mu butungane ejo haheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2015.

Naho biri uko, kuva Kidum ashwanye na Frankie Joe bapfa ayo mahera, amakuru twaronse n’uko Frankie wewe yari afise agatima ko kuyamuha, ariko akavyankirwa n’abandi bari bafashanije gutegura igiteramo ca Big Brother Africa Housemates cabereye muri Serena Hotel. Ikindi n’uko Frankie yoba yatutse cane Ahmed Pacifique asanzwe ategura ibiteramo vya Kidum mu Rwanda kuko ariwe yabateranije.

Inyuma yo gushwana hagati ya Kidum na Frankie Joe raba, ivyo bandikiranye :

Biboneka ko abo bagabo 2 bafitaniye akamere gatuma baguma bakundana naho haciyemwo ivyago vy’amahera. Abarundi bati : "Ntazibana zidakomanya amahembe".

Umviriza ururirimbo ruri mu vyunze ubucuti hagati ya Kidum na Frankie Joe : KIPENDA ROHO


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Nyuma yo kumviriza indirimbo " KIPENDA ROHO" ya Kidumu na Frankie Joe, navuga ko Frankie yari kureba ukuntu yari kurangiza aka kabazo mbere yo kujya mu manza, kandi na n’ ubu yabikora abishatse yifashije ABASHINGANTAHE( les sages), kuko abarundi bavunga ngo:" amahera arahera".
    Joe, ibuka ko mukuru wawe Kidumu (nk’ uko wabyivugiye) ari nshuti yawe akaba kandi n’ umushitsi wawe!

  • birababaje, yet biravugwa cane ko abanyarwanda ’’benshi’’ bakunda amahera kandi bakunda ’’kubesha’’ infidels kenshi bavuga ivyo badakora. if true it’s up to them to correct, it’s humanless

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.