IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinyinya : Ubukene bw’amazi burugarije abanyagihugu

Kinyinya : Ubukene bw’amazi burugarije abanyagihugu

mardi 6 Nzero 2015

Amazi ya rusengo yarubatswe muri komine ya Kinyinya intara ya Ruyigi, ariko amazi akaguma akenye kuko imiringoti yozanye ayo mazi itagiramwo n’ima.

Imiringoti y’amazi yubatswe yari yakiriwe neza n’abanyagihugu kuko umuzigo wo kugura amazi ya rusengo wari wagabanutse kuri abo banyagihugu, ariko muri iyi minsi ayo mabomba akaba yumye, ubukene bw’amazi bukaba buca busubira kwibonekeza muri iyo komine. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakavuga ko amazi bayabuze mu gihe bariha amafaranga 500 ku muhana ku muhana yo gutunganya neza ahubatswe ayo mabombo.

Abanyagihugu baho i Kinyinya mu Ruyigi bakavuga ko ayo mazi bayateramira baraba ko hogira n’ima rikoroka bakabura, mu nyuma bakaba baca bihereza amazi yo mu myonga. Ayo nayo abo banyagihugu bikeka ko ashobora kuzobatera indwara ziva kw’isuku rike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turahaye pore abobanyagihugu bafisizongorane iyo niyontambara abarundi nuburundiharihagezeko tugwananazo duharasavye reta kwumva ako kamo abo banyagihugu bariko baritabariza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.