IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta isabwa gufata ingingo yihweje amikoro y’abanyagihugu

Leta isabwa gufata ingingo yihweje amikoro y’abanyagihugu

vendredi 14 Ruheshi 2013

Kuva aho Leta ifatiye ingingo zo kuduza ibiciro vy’inzoga z’ikorerwa mw’ihinguriro Brarudi, ingaruka z’iyo ngingo zatanguye kwibonekeza mu makaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, aho twashoboye guca kuri uyu munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013.

Aho twashoboye guca mu bunywero bumwe bumwe bukundwa n’abantu benshi, buri mu makomine ya Nyakabiga na Bwiza, abanyagihugu bahanywera baridogera ingingo yo kuduza ibiciro vy’inzoga yafashwe na Leta y’Uburundi. Aho bita kuri Facebook muri komine Nyakabiga, bavuga ko kuva iyo ngingo itanguye, abantu bagabanutse cane bahora bahanywera, nabo bakabona ubu bakorera guhomba baravye ko batagishobora kuronka amafaranga yo kuriha inzu basanzwe bakoreramwo, canke amafaranga yo guhemba abakozi, ubu bakaba bariko bararaba ukwo bogabanya abakozi.

Muri ubwo bunywero buri mu Nyakabiga ya kabiri, ikiyeri twasanze kidandazwa amafaranga 1500, amstel ndende 1800, mu gihe Leta yo yafashe ingingo ko ikiyeri kigurwa amafaramga 1200, amstel ndende 1700. Abanyagihugu baho muri komine Nyakabiga basaba Leta ko yokwitondera cane ico kibazo, canke igahasha abantu bose baca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’izo nzoga, bose bakagumiza ku giciro kimwe kizwi n’amategeko. Ikindi naco, basaba Leta ko yogabanya ivyo biciro kuko ku bwabo bavuga ko ngo baravye uburyohe bw’ikiyeri bwari bukwiranye n’amafaranga 1000, amstel nayo ikagurwa amafaranga 1200, mu gihe ku bw’abo banyagihugu bavuga ko ifanta yoheza ikagurwa amafaranga 500 y’amarundi.

Ikindi abanyagihugu bavuga, ni ukwo Leta itaraba ingorane abo banyagihugu barimwo mu kuduza ibiciro, bavuga ko ubukene buhari ubu, buzura inzara, bagasaba ko ifashe ingingo yo kuduza ibiciro yoheza ikaduza n’agashahara k’abakozi ba Leta, ikaraba n’ukwo ifaranga ifaranga ry’Uburundi ryifashe kw’isoko mpuzamakungu, kuko ubu, umukozi wa Leta ntagishobora kwizimya akanyota mu gihe avuye kukazi arushe.
Eka Leta isabwa rwose kwitondera ibiciro, yaba ku biciro vy’isukari, ibiciro vy’umwavu kuko bigagaragara ko ibiciro Leta ifata, biheza bikaduzwa n’abandi bantu baba bariko barandandaza bagaheza bagashirako n’abo amafaranga yandi, ikindi naco ni ukwo usanga benshi mu badandaza ari abategetsi bo hejuru, kandi abo nyene akaba aribo baduza ivyo biciro.

Abo banyagihuga twayaze baremeza ko Leta ishaka gukamisha mu banyagihugu batobato, mu gihe n’ayo ironse muri abo banyagihugu nyene aca aja gufasha mu kubaho neza kw’abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, n’abandi bategetsi bohejuru, bagasaba Leta gukubitiza agatima mpembero bakibuka ingorane abanyagihugu barimwo, ingorane z’ubukene budasanzwe.

Icibonekeza mu bunywero bwo mu makomine ya Bwiza na Nyakabiga, ni uko abanyagihugu bazindukira urukanywa, bamwe bamwe batubwiye ko igihe c’isaha zine zo mu gatondo hari ababa bamaze kwihereza amacupa abiri, hagara igihe c’isaha indwi bageze ku macupa ane canke arenga. Abo banyagihugu bagahanurwa kwibuka ubukene igihugu barimwo, kandi abajejwe umutekano nabo bakarikanura mu ntumbero yo gutuza ako ageso.

Ikindi kandi, mu bunywero bita kwa Gafaranga buri kw’ibarabara ry’umunani mu nyakabiga ya gatatu ku mutwe w’iryo barabara, ni ukwo twabonye abanyeshure bashika umunani, biga kw’ishure ryitwa ECOLE DE L’UNITE bariko baranywa ibiyeri na za amstel igihe c’isaha zitandatu n’igice, bari mu mwambaro w’ishure mu gihe muri ayo masaha nyene abandi banyeshure bariko barategura ibibazo, narirya bari mu gihe co guheza umwaka w’2012-2013.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.