IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi yashikirije aho ihagaze ku bibazo bihanze igihugu

Leta y’Uburundi yashikirije aho ihagaze ku bibazo bihanze igihugu

mardi 18 Ruheshi 2013

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Elie Bizindavyi yamenyesheje kuri uyu wa kabiri, aho bari mu kibaniro n’abavugizi b’ibisata vyose vy’ubuzi bwa Leta mu ntara ya Karusi ko umutekano mu Burundi ari mwiza muri rusangi, aho akaba yariko yishura ku kibazo c’umumenyeshamakuru yabajije namba umutekano utagiye urasubira inyuma mu mezi aheze.

Eliya Ntungwanayo yamenyesheje ko naho rimwe rimwe utunenge twibonekeza, igihugu gitekanye ku rugero rwo kuja no gufasha ibindi bihugu bikiri mu ntambara. Yashikirije ati : « Igihugu nticoba kija kugarukana amahoro mu bindi bihugu kitararonka ayaco bwite. »

Uwo muvugizi yaboneyeho n’akaryo ko kunegura amashirahamwe mpuzamakungu ategura ivyegeranyo ku Burundi kandi atafashe umwanya ukwiye wo kuza kwirabira ukuri mu gihugu.

Ku ruhande rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abidogera ibikorwa vy’umurwi CNTB bari bakwiye gutenyenya kuko umurwi umaze imyaka itatu udashobora gukemura amatati y’amatongo n’ayandi matungo yo kuva mu mwaka w’1972.

JPEG - 57.3 ko
Leonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Ku kibazo c’abigisha bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye mu Burundi bahagaritse akazi, Leta y’Uburundi imenyesha ko abigisha bahagaritse akazi bariko barahonyanga amategeko mu ngingo zimwe zimwe. Philippe Nzobonariba, umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Leta y’Uburundi asigura ko ingingo yo guhagarika akazi yofatwa ubwa nyuma, inyishu zose zasenzwe. Kubw’iwe, abatanze urwandiko rwo kugabisha guhagarika akazi ku bushikiranganji batwarwamwo bari no gutanga icegeranyo c’ivyavuye mu nama yabahuje na Leta nk’uko ingingo y’129 n130 zibisaba.

Yibukije ko abahurikiye muri sendika CONAPES bamenyesheje ko bagiye guhagarika akazi kandi aribo nyene bikuye mu biganiro vyabahuza na Leta, ku bibazo vyabo mu Rumonge. Yaboneyeho n’akaryo ko kugabisha amenyesha ko Leta izofata ingingo abo bigisha nibatikubita agashi bagasubira ku mirimo.

Mwomenya ko muri ico kiganiro kigize kabiri muri uyu mwaka, abanyepolitike, abamenyeshamakuru n’abanyagihugu baronka umwanya wo kubaza ku bibazo vyose bihanze ubuzima bw’igihugu c’Uburundi, bakabaza muri ico kiganiro gitunganwa n’abavugizi b’ibisata vyose bigize Leta y’Uburundi, ikiganiro gica ku nsamirizi zose ziri mu gihugu c’Uburundi muri uwo mwanya nyene kiriko kiraberako.

JPEG - 6.8 ko
Philippe Nzobonariba, umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Leta y’Uburundi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.