IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Liberat Ntibashirakandi : "Birinde umutego w’aboba bipfuza kwugara kaminuza (...)

Liberat Ntibashirakandi : "Birinde umutego w’aboba bipfuza kwugara kaminuza y’Uburundi"

mercredi 15 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umwigisha muri kaminuza, Liberat Ntibashirakandi, ariyamiriza ifungwa ry’abanyeshure babiri baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi. Atera akamo bagenzi babo gufatana mu nda no gusaba irekurwa rya bagenzi babo, batibagiye kwiyubara kurwa mu mutego w’aboba bipfuza kwugara kaminuza.

Liberat Ntibashirakandi avuga ko ata kindi iyo misore izira atari ukubihora, kubera ko abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi berekanye ku munsi wa gatandatu ko badashigikiye na gato ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bakaba babigaragaje mu guha akaruru abari mu myiyerekano y’umugambwe CNDD-FDD, yo gushigikira ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Liberat Ntibashirakandi avuga ko iryo fungwa ry’abo banyeshure riteye isoni n’agahinda, mbere ko coba ari igikorwa co gutirimuka kw’ubutegetsi bwa Nkurunziza "bugomba busezererwe."
Ku bwiwe, ikibanza ku bana b’igihugu ataco bazira, nticari kuba mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahubwo cari kuba mu mashure. Umwigisha muri kaminuza Liberat Ntibashirakandi avuga ko yifatanije n’urwo rwaruka rwose ruvundiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba ruzira kuba rwaratahuye icarico demokarasi. Arabatera intege kandi akabasaba no kwihangana, kuko abarundi batari bake bakunda demokarasi n’umwidegemvyo, babafise ku mutima.

Liberat Ntibashirakandi asaba abategetsi b’Uburundi kurekura urwo rwaruka ata na kimwe basabwe, kuko akarenganyo ata kindi kazana atari intambara. Atera akamo abategetsi ba kaminuza y’Uburundi n’abandi bose basanzwe barangurira imirimo muri iyo kaminuza kwifatanya n’abo banyeshure mu kubashigikira, ndetse bakanasabira rimwe irekurwa vyihutirwa ata gisabwe.

Ku ruhande rw’abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, abasaba ko bokwiyubara cane muri bino bihe kugira ntibagwe mu mutego w’aboba bipfuza kwugara kaminuza y’Uburundi.

Tubibutse ko kuri uno wa kabiri, ariho imisore ibiri iserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi, ariyo Jean Bosco Nibizi, hamwe na Renee Nshimirimana, bari kumwe n’abandi banyagihugu babiri, batwawe ubutarariye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bagirizwa icaha co gutuka umukuru w’igihugu. Aba n’abandi bakaba babibonamwo akarenganyo, kuko habuze ivyagiriji, n’ibitutsi bivugwa ko batutse umukuru w’igihugu bikaba bitamenyeshejwe abagiriza ico caha. Iyo misore kandi yose uko ari ine ikaba yafatiwe mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura.


Floxella Karire

Messages

  • Uko nukuri mutama bitebe bitebukeRugira azobamesagura ako kanyaro bitwaza abo ba DD NTACO iMANA IRATUBONA REKA BAYUGARE NATWE TUJE MWISHAMBA NDIBUKA BAKURWACU MUMYAKA IHEZE UKUNTU BABACOKONOYE UKO NYENE BARABAZA INTWARO YA BUYOYOYA ABANYESHURE BAGIYE MWISHAMBA KUMURWANYA ....NTACO TU

  • Urumwigisha ukaba ushigikiye abanyrshure batagira uwobubaha baciye muricakimodoka ngonukeishira nokwizana, uranenyako uyumusi bashize isoni kumukuru wigihugu tatowe nabasewabo mucamurabashigikira, rindira ejo nimwebwe bazokorera ibirenze .

  • Libérat WARIZE URASHOBORA KWIYUMVIRA NKUKO NGO UGUMURE URWARUKA RURIKO RURIGA GUSHIKA IYO...RWAWE BARI MU MA PRIVE..NABO NTAVYO BABONA...UWURIKO ARIGA AKIYUMVIRA KUJA MWIBARABARA AMENYE KO UWO MWANYA ARI MWIBARABARA AHABA HARABANDI BARIKO BARIGA KANDI UBU TWIRUKA NUMWANYA...

    JEWE KAMINUZA YUBURUNDI NDAYIZI NAYIZE IMYAKA 8 ABANI BIGA 4...BIRATEYE ISONI KUBERA AMAYEGEREYEGERE TWAMAMWO...NDABAHANUYE IVYO MUVYIHOZE BASHA MWIYIGIRE..MURABONA UMUKOZI WA RETA YASIVYE KUKAZI NGO AGIYE MU MIGUMUKO...ABO BANYEPOLITIQUE BARABAHENDA NTANUMWE UMWANA WIWE ARIKO YIGA UNUVERSITE DU BURUNDI.
    MWEBWE KANURA MUBONE KURE.

  • ibyo byo kutubaha president wanyu mubigumane aho iburundi,nihagira uwambuka akanyaru tuzajya tumukurikiranirahafi mutazanduza abahano ibutare uwo tuzofatira muri ibyo bikorwa nkibyiyo iwanyu abanyarwanda tuzahita tumusubiza iwanyu nabi. umuntu atuka umukuru wigihugu yarangiza ngo ariga kaminuza!!!!! ubwo azamarira iki igihugu,naba mwarimu azigisha iki abakiri hasiye??

  • murahaze sha,ababashuka barahejeje amasomoyabo,bariko baraharanira imyanya ya politic kuko bize mwebwe muri ibiraro banyurako bajabuka bajya kubu rongozi,mwe muzosigara aho canke musubire inyuma yaho muri.

  • Nduwimana uvuz ngo kaminuza y,uburundi wayiz imyaka ingahe? Twes niho twaciy mgabo niwaba wagiy urayoberwa ntakundi turaziko itamenyerwa muga ntubigire ururirimbo, abo banyeshure mwafatira muri ville niho bariko batukira president? toka

  • Yemwe barundi barundikazi,iryabahanuzi bahanuye riratashe abezwa nibezwe mumaguru masha.igiti c’ivoka kiraranduwe kandi amashurwe,amashami,n’ivyamwa vyaco birajanye vyose.mwibuke uwavuze kwikimenyeco canyuma ari kaminuza izoterwa falao mtu mbaya aritesa wana wa israel alifaliki na wanajeshi wake.mungu akiaadi anatimiza.

  • Tenez, personne ne peut etre mise en détention préventive que si il y a des charges suffisantes et réelles de culpabilité!!!! Aussi la détention est une mesure exceptionnelle tandis que la liberté est de principe!!!!

    Alors, emmprisonné quelqu’un sans pourtant qu’il y ait des charges suffisantes de culpabilité va de pair avec la torture et est contraire aux aux droits fondamentaux de l’homme. Oh, pauvre le Burundi, un Etat du non droit!!!!

    Please, où est c’est nos chers magistrats ont fait leur droit??? Surement qu’ils ont fait le Gauche et non le droit!!!!! un Magistrat politicien!!! Un Magistrat niryo agitamikwa ni ijambo na l’exécutif!!!!!!!! une justice sans justice!!!!!!!

    Pauvre ,

  • NDUWIMANA ni ikijujuuuuu. kanatsinda kubahuka kuvugako yize imyaka umunani abandi biga ine ntibitangaje. urumva yategerezwa kwiga ishure ryose 2fois rero no mu kuvuga utegerezwa kuvuga 2fois rero subiramwo urabeko womenya ivyo uvuga.

  • KIKI BUGIRA INDERO UREKE KUVUGA NBI KURI RUNO RUBUGA....KIMWE GUSA ABO BA UNIVERSITAIRE BARIKO BARATA UMWANYA WABO KUKO ABO BABAHENDA NGO BAJE MWIBARABARA EJO MURI SESSION NTIBAZOZA KUBAFASHA!!!!KANDI BABANDANIJE UKO NAGAFASHANYO TUZOHAVA TUKAGIRIRA UN TRAITEMENT PARTICULIER BACE BAZA BARASABA AYAGASABUNE N’UTUVUTA.

  • Liberat wewe urumugabo atarya aho bihiye abantu nkamwe nibo dukeneye kuko we uzi ico uvuga kandi ukamenya n’ukukivuga abo numva bavuga, twebwe abarundi ntibatwishinje kuko twarateye intambwe muri democracie kandi mudufatire abarundi neza bahungiye awanyu kuko namwe abiwanyu bigeze guhungira iwacu twbafashe neza turabaha nakazi kubagashoye kandi muhumure uburundi TWAMANYE
    ABAGABO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.