IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maggy yatowe kuba« umunyafrikakazi w’umwaka»

Maggy yatowe kuba« umunyafrikakazi w’umwaka»

samedi 9 Ntwarante 2013

Ku munsi wo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi, abasoma ikinyamakuru JeuneAfrika ku murongo w’ingurukanabumenyi,batoye Maragarita Barankitse ngo abe umunyafrikakazi w’umwaka.

Maragarita Barankitse bamutazira Maggy. Nk’uwatanguje ishirahamwe ritegamiye Leta Maison Shalom,yakira kuva hagati yo mu myaka ya za 90,abana baharurwa mu bihumbi b’impfuvyi,ibituma bamwe bamwita «umuvyeyi w’abana 10.000.»

Maggy yari mw’ihiganwa n’abandi bakenyezi 20 ikinyamakuru Jeuneafrique cari catoye kugirango bazotorwemwo umunyafrikakazi w’umwaka.

Maragarita Barankitse yaronse amajwi 20 kw’ijana,akurikirwa n’umunonotsi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire Murielle Ahoure nawe yaronse amajwi 10 kw’ijana.

Mugisha Van Naris

Messages

  • ndamukunda cane uwo mumama wacu nanje yarandeze

  • Ijuru ni irya Maggy kweli! Ariko mfise akabazo: Ubwo Maggy mu buzima bwiwe nta muntu w’umukunzi wiwe? Nk’ikiremwa muntu comme nous tous, la question n’est pas si bête que ça! Murantunge, elle n’est pas obligée d’y répondre, ico bikoze yosize imbuto nziza basi! Jolie somme toute. Regardez ce sourire et ce charme. Tentant!!!!!!??????

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.