IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Umuntu umwe yarakomeretse mu matati y’amatongo

Makamba : Umuntu umwe yarakomeretse mu matati y’amatongo

lundi 14 Nzero 2013

Mu matati yabaye ku munsi wa gatandatu hagati y’umuryango w’abasangwa n’abahungutse bo mu ntara ya Makamba muri komine Nyanza –Lac yatumye umuntu umwe akomereka.

Intandaro ya vyose nk’uko bishikirizwa n’umumenyeshamakuru wa RTNB muri iyo ntara ,ngo n’ itongo riri ku mutumba Ruvyagira uri muri zone Muyange komine Nyanza-Lac.Umuryango umwe wose ukaba wemeza ko iryo tongo ari iryawo.Umuryango umwe muri iyo uvuga ko warikomorewe na sentare y’intango ya komine Nyanza-Lac mu mwaka w’2009 uwundi nawo ukemeza ko wakomorewe iryo tongo n’umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi ma tungo CNTB.

Akajagari kakaba kadutse mu gihe bose bagomba kwimbura ibigazi muri uyo murima urimwo amatati.

Imana yarakinze nta muntu yitavye imana uretse uwakomeretse, kuko abajejwe umutekano baciye banyaruka gusuka mwo mabisi.Abantu indwi bakaba barafashwe ku mvo z’amatohoza.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.