IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maragarita Barankitse mw’ihiganwa ry’ « Umunyafrikakazi w’umwaka (...)

Maragarita Barankitse mw’ihiganwa ry’ « Umunyafrikakazi w’umwaka »

vendredi 8 Ntwarante 2013

Ikinyamakuru Jeune Afrique catunganije ihiganwa ryo kumenya abakenyezi batatu ba mbere bo muri Afurika babaye intwari mu bikorwa vyabaranze muri uyu mwaka uheze w’2012.

Uwambere muri bano batatu nawe akazoce yitirirwa « Umunyafrikakazi w’umwaka». Iryo higanwa rikaba rije mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Umunsi uhimbazwa igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka utashe.

Abapfasoni bari muri iryo higanwa bakaba bagera kuri 21. Bava mu bihugu bitandukanye vyo muri Afurika. Muri abo harimwo umurundikazi, Maragarita Barankitse, asanzwe ariwe yashinze ikigo citaho abana « Maison Shalom » kiri mu ntara ya Ruyigi.

Abazoja muri ivyo bibanza bitatu vya mbere rero akaba ari abazoba batowe n’abantu benshi. Ukubatora naho bikaba bibera kurubuga ngurukanamakuru(site internet) rwico kinyamakuru Jeune Afrique.
Ayo matora aherana nuyu munsi mukuru wahariwe umukenyezi kw’isi.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.