IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mohamed Rukara yagenwe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo (...)

Mohamed Rukara yagenwe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika

lundi 10 Munyonyo 2014

Mu nama ya bose y’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika (Association des Ombudsmans et Médiateurs Africains) yabaye ku munsi wa kane, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yahawe kuba icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika, mu kiringo c’imyaka ine.

JPEG - 96.2 ko
Mohamed Rukara, umuhuza w’abarundi

Muri iyo nama ya bose yabereye i Addis Abbeba muri Ethiopie, amabanga y’umukuru w’iryo shirahamwe yahawe umuhuza wo muri Ethiopie, akaba yasubiriye mu kibanza cahoramwo umuhuza wo muri Angola, Paolo TJIPILICA.

Ikibanza c’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe cahawe umuhuza wo muri Kenya, mu gihe umuhuza wo muri Zambiya yahawe amabanga y’ukuba umunyabigega.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, bamenyesha ko muri iyo nama ya bose yabereye i Addis Abbeba, ishirahamwe ry’abahuza bo muri Afrika ryakeje umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bakavuga ko arangura amabanga y’ubuhuza, mu bwigenge.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.