IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu biro vy’Umukuru w’igihugu barabeshuza ko atahirikwa ry’ubutegetsi ryabaye (...)

Mu biro vy’Umukuru w’igihugu barabeshuza ko atahirikwa ry’ubutegetsi ryabaye mu Burundi

mercredi 13 Rusama 2015

Inyuma yitangazo rya General Major Godefroid Niyombare amenyesha abarundi n’amakungu ko bahejeje guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, mu biro vy’umukuru w’igihugu bo bafata iryo tangazo nk’umukino.

Nkuko tubisoma k’urubuga ngurukana bumenyi bwo mu biro vy’umukuru w’igihugu, bandika bati:’’Tentative de coup d’Etat echouee au Burundi’’ mu kirindo ngo ihirikwa ry’ubutegetsi mu Burundi ni ibihuha si ukuri. Ahandi naho bakandika bati:’’Situation maitrisee’’ mu kirundi bati ibintu vyamaze gufatwa mu minwe.

Ivyo bakaba babivuze inyuma y’itangazo ryaciye ku ma radio Bonesha FM, Isanganiro, aho bamenyesha ko Petero Nkurunziza abogojwe mu mabanga yo kurongora igihugu ndetse ko na Reta y’Uburundi ihagaritswe. Abarundi isinzi bavuye mu mihingo itandukanye baciye bihereza amabarabara bigina intsinzi, basubiramwo ko bari bamuhanuye kuva kera ko yoreka ikiringo ca gatatu ariko atabumviye.

Aho mukamenya ko abo banyagihugu baciye bahurira ahakorera i radio RPA ubu yarimaze igihe yugaye ubu ikiba yuguruye ikaba yanasubiye gukora.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.