IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mu masaha 48 Bamvuginyumvira ashobora gusohoka ibohero

Mu masaha 48 Bamvuginyumvira ashobora gusohoka ibohero

mardi 17 Kigarama 2013

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Ferederiko Bamvuginyumvira, yarengutse muri sentare mu ntumbero yo kwihweza namba yobandanya apfunzwe canke akarekurwa.

Igihe yarengutswa muri Chambre de conseil, Ferederiko Bamvuginyumvira akaba yarikumwe n’abamuburanira. Muri abo, umushingwamanza Fabiyano Segatwa akaba amenyesha ko bashimye ukwo bahawe ijambo, ndetse akanashimishwa n’uburyo vyagaragara ko abacamanza bashaka kumenya ukuri kuri ivyo vyagirizwa Bamvuginyumvira.

Fabiyano Segatwa rero akaba atangazwa n’irementanya ryagiriwe uwo aburanira, aho uwariteguye yitiranije ibintu, mu kuvuga ko, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yari yarugaye iyo hoteri iri mu Kajaga, aho naho akaba ari mu ntara ya Bujumbura, benshi bitirira Bujumbura Rural. Wawundi ati, aho wabukaranga nari munsi y’urujo, iryo rementanya rikaba ryatekurukanye abaritekeye, kuko iyo baba baramufashe, imodoka ya Bamvuginyumvira itari gufatirwa mw’ibarabara ariko arataha, ahubwo, bari kuyibohera muri nyahoteri bamwagiriza, nk’uko bibandanya bivurwa na Segatwa.

Umushingwamanza Segatwa akaba yizeye ko ukuri kuja gutsinda ikinyoma muri ayo masaha 48 barindiriye ko uwo baburanira yidegemvya canke ko aza kuguma mw’ibuye. Ariko Segatwa, akavuga ko gushika n’ubu acizeye ubutungane, ko buza kwiyambika umutamana muri urwo rubanza.

Tukabamenyesha ko abayoboke b’umugambwe Sahwanya Frodebu iyo bava bakagera, bariko basaba ko ubutungane bw’Uburundi bworekura Bamvuginyumvira agataha kuko atacaha yagirizwa, kiretse irementanya yagiriwe. Basaba ko abamurementeranije bokurikiranwa, maze inzego z’igiporisi zireke kuza zirakoreshwa mu manyanga. Basaba kandi ko umuryango wa Bamvuginyumvira wokozwa iryo shano wagirijwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.