IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu runani FORSC basaba Leta kuba irahagaritse ibikorwa vya CNTB

Mu runani FORSC basaba Leta kuba irahagaritse ibikorwa vya CNTB

mercredi 26 Ruheshi 2013

Umukuru w’urunani rw’urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike FORSC, Vital Nshimirimana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu yasavye Leta ko yoba irahagaritse ibikorwa vya CNTB, mukurindira ko amategeko agenga uyo murwi ahinyanyurwa.

Vital Nshimirimana aramutswa urunani FORSC akavuga ko umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB wahawe ububasha atawundi mugwi n’umwe kw’isi wari bwahabwe, ndetse ngo uyo mugwi usumvya ububasha ama sentare, agasaba Leta n’inama nshingamateka ko mu guhinyanyura amategeko agenga CNTB kugira ahure n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi kandi bakaka uyo mugwi ububasha bwo guca imanza.

Vital Nshimirimana arongoye FORSC yagiriyeko asaba Leta kutivanga mu bikorwa vy’ama sentare mu kubuza abacamanza guca imanza ziba zamaze gushikirizwa umugwi w’igihugu wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB. Yarangije asaba ko hojaho ikigega coshumbusha abuze ivyabo.

Mu ncamake, Vital Nshimirimana umukuru wa FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) asaba ko hoshingwa sentare idasanzwe yo kwiga ibibazo birabwa ubu n’umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo.


Egide Ndayisenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.