IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya na Mwaro zisinzikajwe n’ugufungura nabi inyuma y’amatohoza (...)

Muramvya na Mwaro zisinzikajwe n’ugufungura nabi inyuma y’amatohoza yakozwe

dimanche 25 Rusama 2014

Mu cegeranyo giherutse gukorwa mu ntara zose z’Uburundi n’ishirahamwe ryitaho gufungura PAM, cerekana ko abanyagihugu bo mu ntara ya Mwaro na Muramvya aribo bafungura nabi.

Mu matohoza yakozwe kuva mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2013 gushika mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka, kikaba cerekanye ko intara zibiri ziherereye mu gice c’Umugamba arizo Muramvya na Mwaro, zibangamiwe n’ugufungura nabi, naho n’izindi zitorohewe, ariko izo zikaba zirushirizaho.

Muri ico cegeranyo, ica gatatu c’abarundi n’ukuvuga hafi y’abantu bagera fi ku miriyoni zitatu aribo basinzikajwe n’ugufungura nabi, nayo ibice indwi kw’ijana vy’izo miriyoni zitatu nabo, bakaba basinzikaye cane.

Ku bw’umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Muramvya Georges Nimubona, avuga ko kuva ashikira amabangayo kurongora DPAE, atamunyagihugu n’umwe arumva yishwe na kigoyi. Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera Radiyo Isanganiro, akavuga ko uyo muyobozi asigura ko icoba caratumye izo ntara zibiri arizo zifatirwako ko zisinzikajwe n’ugufungura nabi, vyoba vyatumwe n’uko ziherereye mu ntara y’Umugamba mu karere ka Bututsi, aho abanyagihugu bitaborohera kuvuga ivyo bafunguye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.