IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Murwi : Uwutwara Posita apfunzwe yagirizwa ubusuma

Murwi : Uwutwara Posita apfunzwe yagirizwa ubusuma

mercredi 21 Rusama 2014

Mahirwe Alberick, atwara Posita mu ntara ya Cibitoke, muri komine Murwi apfungiwe mu gasho aho nyene mu Cibitoke yagirizwa ubunyonyezi bw’amafaranga yari mu bubiko.

Uwo atwara Posita mu ntara ya Cibitoke, komine Murwi yatawe muri yompi inyuma y’aho abarongoye Posita bamenyeye ko yanyuruje amafaranga yari mu bubiko. Haciye hafatwa ingingo yo kuba baramupfunze mu kurindira ibizova mu matohoza, ari nayo azokwerekana igitigiri c’amafaranga yanyonyejwe. Icegera c’uwo mukuru wa Posita i Murwi akaba yaramaze guhunga, nta wuzi irengero ryiwe.

Ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abanyagihugu b’aho mu ntara ya Cibitoke, komine Murwi bazindukiye kwugariza kuri iyo Posita, basaba ko bosubizwa udufaranga twabo bari babikije.

Mahirwe Alberick, atwara Posita mu ntara ya Cibitoke, muri komine Murwi apfungiwe mu gasho aho nyene mu Cibitoke, mu kurindira ikizova mu matohoza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.