IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : Abagirijwe gutunga ibirwanisho basomewe imanza

Muyinga : Abagirijwe gutunga ibirwanisho basomewe imanza

mercredi 10 Ruhuhuma 2016, par egide

Sentare nkuru y’i Muyinga yarasomye kuri uwu wa kabiri urubanza rw’abantu bagera kuri 33 bagirizwa ko bafatanywe inkoho 60 muri komine Giteranyi, mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2015.

Muri abo barengukishijwe imbere y’intahe, batandatu muribo bagiriwe n’icaha c’ugukorana n’abitwaje ibirwanisho, baca bahanishwa umunyororo w’imyaka cumi, hamwe n’ihadabu ry’ibihumbi mirongo itanu vy’amafaranga y’amarundi. Uwundi w’imyaka 16 yahanishijwe igihano c’umunyororo w’imyaka ine, kuko nk’uko vyasiguwe, naho atari bwakwize imyaka 18, imyaka afise irarekura ko akurikiranwa mu butungane.

Umwigeme yagirijwe ko yabonye izo nkoho ariko ntiyabibwira abajejwe umutekano, akaba yahanwe ku caha c’ukutabwira abajejwe umutekano ko hari ibishobora guhungabanya umutekano kandi yabibonye. Yahanishijwe umunyororo w’imyaka 2 n’amezi atandatu hamwe n’ihagabu y’amafaranga 12500 vy’amafaranga y’amarundi.

Samuel MINANI atwara umugambwe FNL hamwe n’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI mu ntara ya Muyinga nawe yahanishijwe umunyororo w’imyaka cumi, akaba yagirijwe izo nkoho 60 zafashwe, mbere akaba yagirijwe kandi ko yari atunze igerenade i muhira iwe.

Abo baciriwe izo manza bakaba ahanini bagizwe n’abayoboke ba Agathon Rwasa bahurikiye mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI, bafashwe mu gihe c’amatora muri Mukakaro umwaka w’2015.

Muri abo 33, abagera ku munani nibo baciriwe imanza, abandi bakaba bambitswe izera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.