IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Babogojwe bagirizwa kuba ataco bashoboye

Muyinga : Babogojwe bagirizwa kuba ataco bashoboye

mardi 27 Rusama 2014

Umukuru wa zone ya Muyinga n’umukuru wa quartier Swahili babogojwe mu mabanga yabo na Evelyne Izobiriza bagirizwa kudashobora kurangura amabanga bajejwe.

Uwo mupfasoni arongoye komine ya Muyinga akaba yagiriza Issa Sadiki na Radjabu Ndabambarire, kuba ataco bashoboye mu bijanye n’umutekano. Mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka, musitanteri wa komine ya Muyinga, akaba yarasabwe na buramatari Ildephonse Ntawunkunda, gukura mu mabanga abo bagabo babiri, kuko yabagiriza kuba ataco bashoboye mu kubungabunga umutekano w’abo barongoye.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera radiyo Isanganiro, akavuga ko abo bayobozi baraye bakombowe kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 26 Rusama, musitanteri avuga ko icabakozeko rwose, ari umuntu yarashwe mu kwezi kwa Ndamukiza agaca yitaba Imana n’abantu bari bitwaje ibirwanisho bicira umuriro muri quartier ya Swahili, abandi benshi bagakomereka. Ku bw’umupfasoni Evelyne Izobiriza, abo bagabo babiri bakombowe, uretse ko ikibazo c’umutekano w’abo barongoye cabagora, eka n’uguhimiriza abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi ntavyo bari bashoboye nk’uko abandanya abivuga.

Tukaba twobamenyesha ko abakuwe muri ayo mabanga, bagiriza musitanteri kuba yababogoje kugira ashireho abamwegereye. Bavuga ko atari musitanteri wa komine yobakuye abagiriza kudashobora kurangura ikintu na kimwe, ahubwo vyari bikwiye kubonwa n’inama mpanuzwa jambo ya komine. Iyo nayo, ikaba imaze igihe irimwo ingorane haraheze umwaka, kuva uyo mukenyezi agenywe gusubirira Amuri Seremani yari aroye kuba umushingamateka.

Ildephonse Ntawunkunda buramatari w'intara ya Muyinga

Aristide Nizigire

Messages

  • ahanje nibaza ko uwo mu gouverneur na evelyne bobanza bagasoma amategeko hanyuma bagafata ingingo. ubu aho tugeze ingingo ifatwa n’abanyagihugu ubwabo. hama umutegetsi agashirako umukono. rero nimba abanyagihugu bo mugiswahili hamwe n’abanyamuyinga babakuyeko amaboko bakemeza ko badashoboye akazi du moin ko badatunganirizwa n’ukuri birakwiye ariko nimba bapfuye bimwe dushobora kwita conflit individuel mama abo bategetsi nibakugwe ningonga ahandi ho iyo ntara ntoho yoba iriko iraja mw’iterambere abategetsi badakoresha amategeko bakagira ikibajemwo

  • ahubwo ni bahere hejuru kuko abiyita ko ari abategetsi bo kwicara mu ma bureaux ataco bashoboye nibo biganje muri kino gihugu

  • Nababwiye kuvakera nti: nikuberiki bamwe mubamenyeshamakuru bomu Burundi boroherwa kwifatira mugahanga umutegetsi wariwewese akorera reta yu Burundi? Raba nkuyu mumenyeshamakuru yubahutse Buramatari muzima nako nyenicubahiro umukuru wintara buramatari akamwifatira mugahanga ngoyagiye gusororera uwomugore arimugasho ngokugira azovugeko ivyibirwanisho yavuze vyahawe Imbonerakure ari umumenyeshamakuru wa Bonesha yabimubwiye ngwabivuge! Ntanisoni mukigira kabisa jewendaziko uyumuburamatari arimubarundi bambere bitonda badashaka kwisuka mubitabareba, kukonarigeze kumubona mvuye gutora ibidandazwa Dal silam (TZD) ngeze ahitwa Kobero kukivuko gisanzwe kirimuntara atwara aritonda kabisa ahantabubeshi nshizemwo, Ariko nimurebe iyinjavyi ukuntu iriko iramuvugisha meshi. Ariko Alexis yagumuye icese abana bu Burundi nububakivundiye mugasho uyumumenyeshamakuru ntanakimwe yigeze avuga kuri Alexis Sinduhije!!! Adiko kurementaniriza Umukuru wintara akabona kwarikwo gukora akazi kitangazamakuru neza!!!! yezu wanje!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.