IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : Umumenyeshamakuru wa RPA yatumweko mu butungane

Muyinga : Umumenyeshamakuru wa RPA yatumweko mu butungane

mercredi 28 Rusama 2014

Alexis Nimubona, umumenyeshamakuru wa RPA (Radio Publique Africaine) mu ntara ya Muyinga ararenguka muri sentare y’intara ya Muyinga mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. N’aho ku mutahe yarungikiwe batamenyesheje uwamutumyeko, banditse ko atumweko ku mvo z’amatohoza.

Amakuru ava aho mu ntara ya Muyinga amenyesha ko Alexis Nimubona, umumenyeshamakuru wa RPA mu ntara ya Muyinga yitwariwe na buramatari w’intara ya Muyinga, hamwe n’uwujejwe igiporisi muri iyo ntara. Umumenyeshamakuru Alexis Nimubona atumweko mu butungane inyuma y’aho atangiye amakuru ko Minani Mariya, umunywanyi wa UPRONA yakuwe mw’ibohero aho yari apfungiwe, buramatari n’umukuru w’igiporisi bamujana kumusororera mu kirabo. Muri ayo makuru, vyavuzwe ko Minani Mariya yoba yariko agishwa inama ko yovuga ko umumenyeshamakuru wa Bonesha ariwe yamutegetse ko amenyesha ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu Ruzo zahawe ibirwanisho. Alexis Nimubona wa RPA yatumweko ku mvo z’amatohoza kuri ayo makuru yatanze.

Tubibutse ko Minani Mariya, umunywanyi w’umugambwe UPRONA apfunzwe yagirizwa ko ariwe yabwiye umumenyeshamakuru wa Bonesha ko izo Mbonerakure za CNDD FDD mu Ruzo zahawe ibirwanisho.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.