IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > Amasanamu > Mw’isanamu nshasha, Lolilo aboneka ariko ararizwa n’indwara y’urukundo

Mw’isanamu nshasha, Lolilo aboneka ariko ararizwa n’indwara y’urukundo

vendredi 24 Gitugutu 2014

Isanamu y’ururirimbo "Akarwa k’Urukundo" rwa Lolilo yashizwe ku mugaragaro. Lolilo ariririmbana intimba avuga ingorane ziri hagati yo gukunda umuntu no kugira ubwoba bwo kubimubwira.

Igitero ca mbere c’ururirimbo "Akarwa k’urukundo" ryasohorewe isanamu, kirimwo amajambo akwirikira:" Ese gukunda umuntu utari bumushikire ni nko kuririmbira igiti kitumva, nakunze umurondo kubera ubwiza bwiwe, sinashobora kuvuga ikiri mu mutima wanje. Naca iwabo iminsi yose yicaye munsi y’igiti ari kumwe n’abahungu bafise ico bandusha, ariko nabonyene bataha ataco bavuze..."

Lolilo abandanya ku citabirizo ariririmba ati:" kuri uyu munsi jewe ndiyahuye, ndakubwire ikindi mu mutima. Aho ubona jewe ndarwaye, ndashaka gukira ka karwara k’urukundo gafatira mu mutima."

Imbere y’uko muraba mukumviriza n’amajambo ari mu ruririmbo, tubabwire ko Lolilo akunze gusohora amasanamu abonekamwo umugore wiwe Lizzo ariko iyi yoyo uwo ntabonekamwo.

Raba wongere wumvirize isanamu y’ururirimbo "Akarwa k’Urukundo" ka Lolilo


Cherif nkeshimana

Messages

  • Lolilo ntabindi vyiyumviro afise atarivyo abakobwa.mbwire namwe

  • Ahubwo n’umuhimbiri!aho arabona ko mubihanze uburundi igitsina kirimwo!ntanamaramara,abagenzi baramubwira ko agatsina kataraje ishinga abarundi!yige kuririmba indirimbo z’amahoro nkabandi!

  • Ariko hacari abarundi bibijuju none ugomba yuko aririmba abatutsi na bahutu hamwe na batwa, ivyo vyarataye umwanya natwe dukeneye slow mukirundi ahokwama twumva Celine dio canke Micheal Bolton, abarundi natwe turashoboye,lolo komeza urugendo nturabe abo banyeshari ,abakurambere barayamaze bati, utagira ico uterera ntutobe,ndbasavye me mu gifise ivyuyumviro nkivyo ko mwojijuka kuko muracari mubuja,pole sana

  • lolilo ashatse yoheba kuririmba akumviriza nkanje kuko nta mpano yavyo afise nareke abandi nka gnl canke satura bobo haragera naho biyumvira ibikenewe

  • lolilo ashatse yoheba kuririmba akumviriza nkanje kuko nta mpano yavyo afise nareke abandi nka gnl canke satura bobo haragera naho biyumvira ibikenewe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.