IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro: Ikibazo c’ukuronswa uruhusha rwo kugendesha imiduga cakozwe

Mwaro: Ikibazo c’ukuronswa uruhusha rwo kugendesha imiduga cakozwe

jeudi 21 Munyonyo 2013

Mu ntara ya mwaro haratunganijwe amahiganwa y’abipfuza kugendesha imiduga ku magenekerezo ya 20 na 21 Munyonyo uyu mwaka, aho hahiganwa 301 ku bashaka uruhusha mfatakibanza, n’abandi 46 bashaka kuronka uruhusha ntabanduka rwo kugendesha imiduga.

Nk’uko bivurwa na Arthemon Nzitabakuze arongoye PSR, avuga ko ico gikorwa categuwe mu ntumbero yo kwereka abagifise agatima ko kwibaza ko bazoronka impusha zo kugendesha imiduga ari ukwo babanje gutanga amafaranga vyahindutse. Muri ico kibazo, cari citabwe n’abari bavuye mu ntara nka zose z’Uburundi, 167 ku 301 akaba aribo bamenye ico kibazo c’ukugendesha imiduga ivy’imfata kibanza, nayo 22 kuri 46 baronswa urupapuro ntabanduka.

Umukuru wa PSR rero akaba ashimira bimwe bivuye ku mutima abakoze ico kibazo, kuko vyagaragaye ko bari baje biteguye, ndetse aca aboneraho no guhamagarira n’abandi batazifise kutagumana agatima ko kwibaza ko bazoronka izo mpusha ari ukwo babanje gutanga amafaranga, ahubwo nyabuna biyumvire ukwo bozironka bakoresheje inzira nziza abandi bariko barazironkamwo muri iki gihe.

Ku bivurwa n’aho ko hatangwa ikibazo kigoye, umuyobozi wa PSR amenyesha ko ari kugira ntibafate abatazi na kimwe ngo barungikwe kugendesha imiduga, abatamenye ico kibazo ubu, bazokimenya hanyuma nk’uko aheraheza bimenyesha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.