IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Imiriyoni 100 zaranyurujwe mw’ishirahamwe UcodeMicrofinance

Ngozi : Imiriyoni 100 zaranyurujwe mw’ishirahamwe UcodeMicrofinance

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Inyuma yaho ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Ucode ryibiwe amafaranga arenga imiriyoni 100.Iryo shirahamwe ryibwe n’abakozi baryo.Abagiriwe n’ico caha bakaba bari mu minwe y’ubutungane,kandi hakaba hari icizere ko ayatari make ashobora kugaruzwa.

Amafaranga yibwe ntazwi igitigiri neza, ariko bamenyesha ko arenga imiriyoni 100 nk’uko bishikirizwa na Gerari Mbanzamihigo, ajejwe gutanga amakuru mwishirahamwe Ucode. Abo bakozi bakorera mu mitumba barikumwe na bamwe bamwe mu bakorera ku biri vy’iryo shirahamwe bagiye hamwe mu kwiba ayo mafaranga ,nk’uko Mbanzamihigo abandanya abimenyesha.

Bamaze ku bimenya ko hari amafaranga yazimiye ,baciye bagira amatohoza yihishije kugira ukuri kuje ahabona Kandi ngo ntivyabagoye gutora abagize uruhara mwinyuruzwa r’ayo mafaranga kuko babirondereye mu ma machina y’inyabwonko bakoresha ku kazi.

Mbanzamuhigo abandanya kuvuga ko iryo shirahamwe ritagiye kwugara nk’uko benshi bavyibaza,aka vuga ko inguvu z’iryo shirahamwe ziri mu banywanyi baryo kuko bagera ku bihumbi 52 bakaba bafise amashami agera kuri 30.Araremesha abanywanyi babo kandi ngo ntanarimwe batatunganirije uwubituye n’aho ubwo busuma bwari bwabaye.Ariko aremeza ko iyo bataba bafise abanywanyi benshi , bari kugira ingorane zikomeye.

Urwo rubanza rukaba rugeze mu butungane ,abagirizwa ubwo bubisha bapfungiwe mwibohero rikuru rya Ngozi,amatohoza akaba abandanya ariko inzu n’ibibanza vyo kwubakwa mwo vyaguzwe n’ayo mafaranga ngo biramaze gufatwa,ivyo bikazotuma amafaranga atari make ashobora kugaruka mu kigega ca Ucode nk’uko Mbanzamihigo aheraheza abivuga.


Marie claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.