IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Ingingo zafashwe mu ntumbero yo gukingira isanganya ry’umuriro isoko (...)

Ngozi : Ingingo zafashwe mu ntumbero yo gukingira isanganya ry’umuriro isoko nkuru

samedi 2 Myandagaro 2014

Utuzu tw’ubudandaji twose twubatse mu mazu y’imbaho mu ntara ya Ngozi, banyenetwo basabwe ko kugera ku wa 15 Myandagaro twoba twubatse mu vyuma.

Ivyo vyasabwe na musitanteri wa komine ya Ngozi, aho avuga ko utwo tuzu dutegerezwa kwubakwa mu vyuma,mu ntumbero yo gukinga umuriro ushobora kwaduka. Musiatanteri wa komine ya Ngozi akavuga ko utwo tuzu twose dutegerezwa kwubakwa twose mu vyuma. Abandanya avuga ko utugera kuri 98 kw’ijana twubatse mu vyuma. Udusiagaye tukaba duhabwa iminsi 13 gusa, kugira tuje ku rugero co kimwe n’utumaze gukurwako imbaho, tukubakwa mu vyuma.

Mwomenya ko urongoye iyo komine ya Ngizi, agabisha kandi abadandaza bataratangura gukorera mu bibanza vyabo mw’isoko nkuru y’iyo komine, ko buca babiha abandi. Avuga ko ibibanza biri mw’igorofa y’iyo soko bitaratangura kudandarizwamwo nabo nyene bahawe ikiringo cokuba batanguye ibikorwa vyo kudandaza. Atari aho, ivyo bibanza bikazohabwa abandi. Asaba abadandaza bose kwubahiriza amasaha yo kwugarirako isoko, mu ntumbero yo kurikingira impanuka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.