Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Umukuru w’igihugu yaratanguje igice ca mbere c’umwaka (...)
Ngozi : Umukuru w’igihugu yaratanguje igice ca mbere c’umwaka w’irima
lundi 16 Nyakanga 2013
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yaratanguje umwaka w’igice ca mbere c’irima mu gutera amateke, kuri uyu wa gatandatu wa 14 Nyakanga, ku musozi Rutanga wa komine Gashikanwa yo mu ntara ya Ngozi, mu murima yo kuri uyo musozi.
Uwo murima ufise uburinganire bw’amahegitari agera kuri 48 n’igice, wari usanzwe urimwamwo n’ibindi biterwa bitandukanye, nk’ibitoke, amananasi, amateke, n’ibindi biti vy’ivyamwa bitandukanye.
Imbere y’uko ivyo bikorwa vyo gutera amateke bitangura, mu gitondo c’uwo munsi, umukuru w’igihugu yari yabanje kugendera amashure ndimo yiwe ari ku misozi ya Tonga na Kabuye yo mu makomine ya Gitobe na Vumbi yo mu ntara ya Kirundo, mu bumanuko bushira uburengero, aho Petero Nkurunziza yari yatanguje umugambi wa kijambere wo kworora inzuki, aho ibitiba bishika 450 vyari vyubatswe.
Muri uwo mugambi wo kworora kijambere inzuki, intumbero akaba ariyo kwimbura ku kwezi ku kwezi, mu gihe umwimbu w’ubuki wahora uboneka gusa rimwe mu mwaka, uwo mwimbu nawo ukongera akavana n ukavana n’ikirere.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguje uwo mugambi « ishure ndimo » ugizwe n’imirima ya kijambere, ubworozi bw’inka, inkoko, ubukwavu, inzuki n’ibindi. Uwo ukaba washizwe mu mpande zitandukanye z’Uburundi kugira ubere akarorero ku banyagihugu baheze nabo bawigane mu ntumbero yo kwongereza umwimbu.
Petero Nkurunziza yarongeye yifatanya n’abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi mu bikorwa rusangi vyo kuri uyo wa gatandatu, mu gushira isima mu kibanza c’ubwugamo bw’ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe « Ku Gasaka ka Inarunyonga » kiri hafi y’igorofa y’inyubakwa y’ibiro bikuru vy’intara.
Mariella Bukuru