IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nkurunziza yasavye Ubufaransa gushigikira Buyoya atorwe mu burongozi bwa (...)

Nkurunziza yasavye Ubufaransa gushigikira Buyoya atorwe mu burongozi bwa OIF

mercredi 4 Ruheshi 2014

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi arimwo mu gihugu c’Ubufaransa aho yaroye kwambikwa urugori rw’umukuru w’igihugu aharanira amahoro (Grand Croix de la commémorative de la Paix), Petero Nkurunziza yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubufaransa Laurent Fabius.

JPEG - 361.6 ko
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi mu mubonano n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubufaransa Laurent Fabius

Nk’uko aya makuru tuyakura ku buhinga ngurukanabumenyi bw’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Facebook), umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, Petero Nkurunziza akaba yasavye ko Ubufaransa bwoshigikira Umukenguzamateka Petero Buyoya mw’ihiganwa arimwo n’abandi mu kurongora ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Mwomenya ko Umukenguzamateka Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba ari umuserukizi adasanzwe w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika mu gihugu ca Mali no mu karere ka Sahel, akana ariko arahiganwa n’abandi bantu bigeze kuba bajejwe amabanga akomakomeye muri Afrika, aha tukavuga nk’uwo mw’izinga rya Maurice Jean Claude de L’Estrac, hamwe na Henri Lopes yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Congo Brazzaville, ubu akaba aserukira ico gihugu mu Bufaransa. Abo abo bose, bakaba bariko barahiganwa kuzosubirira Abdou Diouf yari amaze igihe ariwe arongoye OIF (Organisation Internationale de la Francophonie).


Aristide Nizigire

Messages

  • ororo weee, emwe aaahaa.
    Ndadamwe.

    Mugabo rero,Buyoya arabanza yikazanure, yisuganye no mu kunofora ikinofonofo,
    Kugira ntaze asubire kugira nka vyabindi vyo gutwenza abantu,ngo :"gorossier et goroteske".. aho kuvuga ngo :" grossier et grotesque."

    Ni yige kwatura neza igifransa,yibuke ko ataho igifransa gisana n’ikirundi.

  • Twese nugukomeza gufasha perezida wacu Nkurunziza gusenga kugira turebeko uryamwanya wa OIF Buyoya yowegukana kuko ikigihe turakeneye abarundi dukomeze kwerekana mumagungu kodushoboye gufasha canke gukora muvyizavyose bishoboka. Buyoya komera abarundi turagushigikiye kuruwomwanya uriko uraharanira.

  • mbe mwibaza urwo ari urundo amukunda kugira amuvugire?

  • Itorwa ry’umurundi mu burongozi bwa OIF, ni akamaro ntangere ku gihugu cacu n’abagiturukamwo bose. Kubera ata wundi murundi dufise, birumvikana ko S.E. Pierre NKURUNZIZA ashigikira Buyoya. Par ailleurs, peu importe son articulation ou connaissance en langue francaise/ikinyamazuru/ikinofunofu@D. Kiramvu-kirya kibanza kizofasha Buyoya guhindura inkoro n’inyifato yiwe abarundi benshi tutashim(a)ye.

  • Oya ntibishoboka nigute uwo petero nkurunziza yosaba ivyo? nugutweza la galérie ou quoi? ewe barundi nimwirabire ivyanyu aboba DD ni nyakatsi

  • uwo yiyise Mama,mbe wewe mugabo,buyoya umuzi nk’umuhinga mu vy’indimi,canke upfa kwemerana?

    Ntibaze baguhende,Buyoya s’umuhinga mu vy’indimi,eka mbere n’igifaransa ciwe kirasanzwe. Ahubwo gusa vuga uti Dans le pays des aveugles,le borgne est roi.

  • Uyuwiyise Inkotanyi nave mubyabarundi avuge kubyo murwanda. Nawe ashyigikiye Shitani yigize umuntu alias Rukarabankaaba Kagame!!! Arashaka ko
    Se wabo kagame akora bakona abahutu mu rwanda ko babizina n’iburundi!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.