IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Samandari > “Nshaka kuba rurangiranwa mu muziki ”

“Nshaka kuba rurangiranwa mu muziki ”

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Samandari azwi cane cane mu ndirimbo yiwe yitwa” Aramara” ni umuririmvyi afise indoto yo kuzoba rurangiranwa, aho mbere yivugira ko yipfuza kuzogera ku rugero rwa Akon, umuririmvyi wo muri Leta zunze ubumwe za Amerika kuko amukunda cane kandi akamwemera haba mw’ijwi canke mu mudiho.

Samandari imbere y’uko asohora indirimbo yiwe ya mbere mu mwaka w’2009 yatanguye kuza yigana indirimbo za Akon, ahava akora ururirimbo Suzana rwakunzwe cane mu mwaka w’2011. Vyamuhaye inguvu zo kubandanya, aho yaciye asohora ururirimbo “Aramara” rwatumye amenyekana kurushiriza.

Samandari ubu ageze ku ndirimbo umunani n’iyindi y’icenda ikiriko irahingurwa izokwitwa “Long time”, izosohoka mu ndwi iza ari kumwe n’amasanamu yayo.

Ku kibazo co kumenya igituma akunda umuririmvyi Akon, yatubwiye ko bahurira kuri vyinshi mu kuririmba. Hari mbere n’indirimbo ariko arategura izoba imeze nk’iya Akon.
Abandanya avuga ko yipfuza kuzofasha abandi hamwe n’abatishoboye mu gihe yotera imbere. Yivugiye ati: “Indoto ziraja mu ngiro iyo hariko ukwizera”


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.