IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nta matora ashoboka Petero Nkurunziza atemeye guheba ikiringo ca (...)

Nta matora ashoboka Petero Nkurunziza atemeye guheba ikiringo ca gatatu

mercredi 6 Rusama 2015

Nta matora azoshobora kuba mu Burundi mu gihe umugambwe CNDD-FDD utotanga uwundi azobaserukira mu matora atari Petero Nkurunziza.

Mu gihe hari hatunganijwe ibikorwa vyokurabira hamwe ibijanye nitegugwa ry’amatora hagati y’bushikiranganji bwo hagati mu gihugu n’abegwa bose n’amatora, abari muri iyo nama cane cane imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi ndetse n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bamenyesheje ko mu gihe Petero Nkurunziza yokwanka gusokora mu matora, ayo matora adashobora kuba mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, rimwe mu mashirahamwe aterekwa ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, amatora mu Burundi ashoboka iyo hari icuka ciza mu gihugu, kuko ibintu vy’umwina w’ubutegetsi hahonyazwe amategeko ataho bishika atari guta igihugu mw’ihumbi.

Muri iyo nama, yaba Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ndetse n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, bose basavye abari mu myiyerekano ko yohagarara hagatangura ibiganiro kugira hagarukanwe icuka ciza mu gihe, n’amatora ashobora kwitegurigwa mu mahoro n’umutekano.

Mu kamenya ko imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi aho tukavuga Johani Minani atwara umugambwe Frodebu Nyakuri, Chauvineau Mugwengezo wa UPD Zigamibanga, Bonaventure Gasutwa wo mu mugambwe UPRONA, Sylvestre Ntibantunganya yahoze atwara igihugu baciye basohoka muri ivyo bikogwa aho bamenyesha ko Petero Nkurunziza atemeye gusokora mu matora yimirije, nabo batazomwemerera ko ahonyanga amategeko.

Aho n’uwahoze arongoye Uburundi, Syvestre Ntibantunganya akaba yaciye amenyesha ko nawe mu minsi iri imbere agiye kwihereza amabarabara kandi ko ata muntu yokubahuka ngo amwite umugumutsi kuko adashobora kuguma yicaye amategeko ariko arahonyangwa.


Alida S.

Messages

  • imyaka icumi ntabwo ihagije ? ese Nkurunziza yipfuza iki? ese kumarisha abantu no kubapfungira ubusa nivyo bimushimisha? amenye ko inguvu za Satani yishimikirije zitaruta iz imana

  • Mukomere batama turinyuma yanyu Democratie tuzoyigwanira gushika kuwanyuma hagomba kuboneka Mandela muburundi

  • Sha ntibantunganya,aba sans echec baraguhushije ubu hoho ubagiyemwo barakunyuza urusasu mururwo rutwe bagize imana abazamwo bakakubona ntibakugisha

  • IMANA YO MWIJURU NIYO MUCAMANZA UTABERA AZOBIRORANYA,IYACIRIYE INZIRA ABISLAEL MUKIYAGA GTUKURA IRACARIHO

  • JEWE MURANTANGAZA SINZI KO RUFYIRI ARI UMUNYA POLITIQUE CANKE ARI UWUDAHARANIRA IBIKORWA VYA POLITIQUE. NGO AMATORA NTASHOBOKA GUTE ? NASHOBOKE TURAYITEGURIYE AHUBWO BARIKO BASAMAZA ABAJA KU DEPOZA AMA DOSSIERS YABO MURI SENAT. BWIRA IYO MBONO AVE MW’IBARABARA AJE KU DEPOZA DOSSIER YIWE YO KWITOZA. HAMA IBINDI NAVYO NKA NTIBANTUNGANYA NGO MW’IBARABARA NOTWENGA NKUMA. UYO YAHOZE ATWARA DOCUMENTATION YA NTIBANTUNGANYA ASERUKIRA IMBONO AGUMBA ATWARE SHEBUJA MW’IBARABARA. VRAIMENT NTABUTEGETSI MUZOKURA MW’IBARABARA NI MWUMVE MURIKO MURAHENDANA MURARABA NEZA CANE HAGATI YANYU. SAWA OK.

  • NUKURI NTIBANTUNGANYA AKAJA MW’IBARABARA SINZI KO AZOBAVANAYO UTWO DUHUNGU TWO KU MUSAGA NA AVENUE DE LA MORT. ARARABA NEZA ARIBAGIYE 93 TURIKO DUSABA IKIZIGA CA NDADAYE ATURAMUKIRIZA MU KIYO MURI AMBASSADE YA FRANCE ARIYO ARI BURYA ABANTU BIBAGIRA NINGOGA. NARINDIRE NIMBA YARAGIZE IMANA AGASHIKA NEZA SINZI KO AZOVA AMAREMBE MURI IRYO BARABARA AGOMBA KUJAMWO MUGA JEWE NIBAZA KO BAMUBESHERA KWERI NTAVYO YOKWUBAHUKA MURI KINO GIHE. NKA MINANI IYO MBONYE AJA MW’IBARABARA SINDAVYUMVA AGIYE GUHAGARARA BWUMA KANDI KUMWE YAVUGA. ISHONGORE BARABABONA BASHA. ABO BANA BABANTU BOBO BARAZI KUBAROHA. RABA NAMWE ABAJA MW4IBARABARA: MINANI, SHOVINO, LEONIDAS, IMBONO, NDITIJE, DOMITIEN, NTIBA, ... ABANDI NABO BABANYABWENGE BAKOKEZA BIBEREYE HANZE. EJO GWAMBIKANYE INTAHE IBAKUBISE MUGAHANGA BABIHAKANE MURABE UKUNTU BIGENDA. UMUGANI NGO UWUTOSORA.... YAMIZAKO. MBWIRE GITO CANJE ICUWUNDI CUMVIREHO.

  • Ntibantunganya,wibagiye ivyagushikiye i Bugendana!!!!

  • Mamaga Ntibantunganya!!! Turasavye abajejwe gutunganya amatora batandure bitegure kutwegereza udusandugu twamatora twikorere igikorwa kizotabgazabeshi. Kandijewe ukondabibona ukovyagenze mumatoraheruka yomuri 2010 abarikuronka umwanyamwiza bakiruka mazi Yohani Minani akacasigara ameze nkigihangange nubuntakabuza hariho umugambwe mumisi igiye kwiyicarira mukibanza ciza nimurindire muzompinyuza, reka turindire abantu bafise imvugo nkizoza ALUCOM bakoneze invugonkiyo.

  • KOMERA NTIBANTUNGANYA WAMYE USERUKA UBURUNDI BURIMUMAKUBA.URIMURI BANDADAYE BAMWE BAHARANIRA DEMOCLACE .FASHA IBISHOBOKA TURAZI NTURUMUHUTU CANKE UMUTUTSI KUKO UDAHENGAMA.URUMURUNDI ABUSHITSE;NAKARE NTABWOKO BUKIRI MUBURUNDI.NIRWANO YAMAHORO YOKURENYA ABANSI BASHIZE DEMOCLACE MUMIFUKO KUGIRA BAHONYANGE AMATEGEKE.IKIBAZO:KO DOMITIEN ATARAPFA NABANDI NTIBAVUYE KUBUTEGETSI .NUWUNDI NAHO YAKOZE IBIBI TUZOMUBABARIRA NAKINJURE.CANKE NABE FARAO.

  • Abatama bacu twaritwizeye Ntibantunganye na Ndayizeye, karabaye barabaye kibihuhwahuhwa vyimikuza vyakiwe nizuba maze bikerera igihe kitarico ivyonivyobicavyitwa ibihuhwahuhwa (ibihuhwa) Jewe kugerubu ndaramukije mutama wacu nyakwubahwa prezida Bagaza ahari nubusazabwiwe abamushikira mudamukirize adusaziyeneza kuko wewe ntariko arata umunywa canke ngwarogote nkuko biriko biragendera bagenzibiwe. Ariko haracarikare kumbure abobatamabacu Ntibantunganya na Ndayizeye ejobosubira bakagarurakenge, kukotwobatumaramaye bagiye akagirire nkuko twumvise ngo Ntibantunganye yarahagurutse ariruka asigabandi mukiyago! wamwanditsiwe ukabawamubesheye uzocawandikwa muribabitumwako mugukokeza.

  • Ariko Ga Mana Urahevye Uburundi?Kiza Uburundi Kubw,abantu Bake.Nayo Abandi Ubukunzi Bw,inda Bwabamaze.Ndatangazwa N,umuntu Atarabona N,urupapuro Cank Ngo Amenye Gusoma Akaca Avuga Ngo Amategeko Ntarenzwe.Mbe Ceni Ibegereza Amasandugu Yamatora,ikuyehe Amahera Yo Kubikora?Yananiwe Guhemba Abagize Affichage Provisoire Des Listes Electorales Wumva Yobandanya Ibikogwa Gute?None Ko Dutega Amaso Amakungu Natw Tukaba Tubikuyeko Muguhonyanga Amategeko?Tukabikora Ataco Dushoboye.Nibaduze Amaboko Vyabananiye.Yemwe Reka Turindire Ariko Ntaco Nzeye Kubarundi Inzara Yarabasinzikaje.Kandi Ntamuntu Winshonji Atwara Ibihugu.Mana Dutabare

  • Vuga ijombo rimwe MANA abigira ibihangange turabe ubuhaga bwabo.Hazobure abarondera aho bihamba bahabure!!!cndd.fdd reka tukurindire tuzokurabe iherezo ryaw, imbonerakure murya ivyo mutuza,mpemuke ndamuke mugihugu cacu ntitumukeney, mwenabo baberey ububoyi nubuyaya baze baratora kuyacitse kunsogoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.