IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiyerekano yose yahagaritswe mu Burundi

Imyiyerekano yose yahagaritswe mu Burundi

samedi 25 Ndamukiza 2015

Mu gihe hategekanijwe ko mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Reta y’Uburundi imenyesha ko ata mugambwe n’umwe ndetse n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike arekuriwe kugira imyiyerekano kuva kuri uwu wa gatandantu.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, avuga ko ata mugambwe n’umwe ndetse n’amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya poritike arekuriwe kugira imyiyerekano kuva kuri uwu wa gatandatu. Aho ni mu gihe ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yari yamaze kumenyesha abarundi n’amakungu ko, mu gihe umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yotorwa kugira azozerukire uwo mugambwe mu matora yimirije, bazoca bazindukira mu mabarabara, mu gaturuturu ko kuri uwu wa mungu, mu kuvyiyamiriza. Ku bwabo, ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza ntibizoba bikurikije amategeko.

Edouard Nduwimana amenyesha ko imyiyerekano yose uko yoba yitwa kwose ibujijwe keretse inama za poritike zijanye n’itegugwa y’amatora, ico yise’’Meetings électoraux’’. Aho akamenyesha ko ico kitoba icitwazo kuri bamwe kuko Reta y’Uburundi yanabujije imyiyerekano yahora ikogwa n’umugambwe uri ku butegetsi buri uwa gatandatu.

Tubibutse ko ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ritegekanijwe kuri uwu wagatandatu, amakuru dufise akamenyesha ko hashobora gutangwa izina rya Petero Nkurunziza azobaserukire mu matora yimirije. Aho mukamenya ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yamaze guhamagarira abarundi, kuja mw’ibarabara mu gaturuturu ko kuri uwu w’Imana kugira biyamirize ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.