IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba : Ikibazo ca Mbonimpa gihabwa intumbero itari iy’ubutungane

Nzobonariba : Ikibazo ca Mbonimpa gihabwa intumbero itari iy’ubutungane

samedi 20 Nyakanga 2014

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ivyasabwe n’abashingamateka bo mu bihugu vya buraya vyerekana ko bakoreye ku vyiyumviro vy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Firipo Nzobonariba asigura ko ikibazo c’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa camaze gufata intumbero ya poritike, agasaba abamusabira irekurwa bose kurindira icegeranyo c’umurwi w’abaganga.

Mu nama yahuje abashingamateka bo mu bihugu vya Buraya i Strasburg, basavye Reta y’Uburundi kurekura Petero Karaveri Mbonimpa, n’agateka ka zina muntu kakubahirizwa. Abo bashingamateka bakaba basaba n’amatohoza yigenga ku vyavuzwe na Petero Karaveri Mbonimpa, ko hari rumwe mu rwaruka rw’Uburundi rwoba rugirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko bitumvikana ingene abo bashingamateka bobwiriza Reta gutorera inyishu ikibazo gisanzwe kiri mu butungane. Kubwa Firipo Nzobonariba, ivyasabwe n’abo bashingamateka vyerekana ko bakoreye ku vyiyumviro vy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mbere nk’uko abivuga, bikerekana ko ico kibazo c’ipfungwa rya Petero Karaveri camaze gutakaza intumbero y’ubutungane, kuko kubwa Firipo Nzobonariba abariko barakurikirana ico kibazo bashaka guta mu mutego Reta y’Uburundi.

JPEG - 667 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Reta y’Uburundi ntiyemera gutohoza ivyavuzwe na Petero Karaveri Mbonimpa

Mw’itangazo abo bashingamateka b’ibihugu vya buraya basohoye inyuma y’inama yabereye i Strasburg, basavye ko hokorwa amatohoza yigenga ku vyavuzwe na Petero Karaveri Mbonimpa, ko hari rumwe mu rwaruka rw’Uburundi rwoba rugirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko amatohoza adakenewe, kuko muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bamaze kubeshuza ko batarabona urwo rwaruka rwoba rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare. Firipo Nzobonariba asaba abariko bakurikirana ikibazo c’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa ko borindira icegeranyo c’umurwi w’abaganga uriko usuzuma ivyasabwe ko yorekurwa kuko akitswe n’amagara. Ku bijanye n’ukurekurwa vy’agateganyo vyasabiwe Petero Karaveri Mbonimpa, Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yizeza ko abacamanza bazokwisunga ibizoba vyatanzwe n’uwo murwi w’abaganga.

Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Kuva kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro, yinjiye ibitaro BUMEREC akitswe n’amagara kubera ingwara y’igisukari amaranye imyaka ine. Abamuburanira bagumye basaba ko yohabwa umwidegemvyo w’agateganyo, nk’uko abirekurirwa n’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guhabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Kuri ivyo vyasabwa, sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura iheruka gufata ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, w’imyaka 65, asanzwe arwaye ingwara y’igisukare n’iy’umutima, amagara akaba amukitse mu bitaro BUMEREC.


Egide Nduwimana

Messages

  • Urabesha sha! Hinge urabe ko budaca mumurekura nayo ahandi muzofatirwa ibihano bikwiye.

  • Amashamba arashushe mwibaza ko muragahambaye reka tubirindire buraca bugacana ayandi.

  • Erega,ibikorwa na reta yuburundi numwana arabibona .ibigaye urumuntu ukora neza uwariwe wese arakubona kandi aragushika uwo mutima.ntawutamuzi kiretse abo banka amamahoro.

  • Murya mtama bemushiribintu mukuri kandimuhanurwe ahandihoho murikengereza imbere yisiyose binuvuga bishikakure nkibisobanure watanze ntakurikurimwo nimureke amatohozabe ukurikujahabona nukomunyarukakwibagira uryamutana namwebwe yarabafashize nimwikebuke

  • EEEEEEE!!!!!!!! Umuvyey,arahuma!!!!!kandi nguwushaka kurubanza runyaruka akubita NYINA!!!!!!!uwukiz,isemu nawe akibagira uwamwirunza!!!!!!Umusaza Mbonimpa. Bari bakwiye kumuhikibanza ciza.aho kumwicira mwibuye kuvyiza yabakoreye uwumugabo ntiyarakwiye kuranz,amazuru ngaho wamenga nivyabinogo vyahitiye bihekuy,ubundi MUGATUNGU!!!!abo muvuga kobakorera kuvyabandi sha bo sabana hinge buca MUWUSURA MUWUTEKERE!!!!hahahahah ariko nzabatwenga nimwamurekura basha!!!!

  • Ndabaramutsa, kubwanje sinumumva ikibazo ca mbonimpa ukuntu coramb
    Bigezehiyo barundi vyiza twokundana tugapfashanya ahagoye nahoroshe
    Uwo niwo mugambi mwiza cane Reta yuburundi itakomeye cane ndemeza ko
    Haritwaro ipfise abakozi biyemera nibakore ibikwiye makore amatohoza hirya nohino icoyavuze mbonimpa cose bagikorereko ukuri kuzoboneka bidatevye murakoze

  • Ndabaramutsa, kubwanje sinumumva ikibazo ca mbonimpa ukuntu coramb
    Bigezehiyo barundi vyiza twokundana tugapfashanya ahagoye nahoroshe
    Uwo niwo mugambi mwiza cane Reta yuburundi itakomeye cane ndemeza ko
    Haritwaro ipfise abakozi biyemera nibakore ibikwiye makore amatohoza hirya nohino icoyavuze mbonimpa cose bagikorereko ukuri kuzoboneka bidatevye murakoze

  • Sha mwahora mwihagararako ngo amakungu atabafashije ntimwopfa reka turabe ko mutamurekura mutama aho amashamba arabashuhanye karabaye murya honyene mutezamaboko ko mwigira ngo muragahambaye nimumugumizeyo murabe aho suyo gusa nabandi muhohotera amakungu yabahagurukuye CNDD shwiragira murapfa nkabana binyoni

  • Bategerezwa kumurekura canke babafatire ibihano,imikenyuro yabo nta bwenge babishiramwo,burya nka adolphe yogira ikintu cakamaro atari kwica abantu gusa abahorubusa.uyo philippes.Ntakundi yovuga kuko akoporora ivyo peter yamubwiye .basha uyo mutama arabakorako PE !!!

  • zobonariba we??kabushemeye yogaruka yokubaza umugabwe wiwe aho ugeze ???DD ibisaka vyanyu vyahiye ???barya babikira mwakase imitwe%%?mwari mwibaza ko araba fnl??mwagira umuzugu azohora???mwagiriye neza abantu kuko umuzungu yarabonye ko naho abashigikira nawenyene muzomukata umutwe???

  • aba DD ivyo bakora n umwana arabibona, criminalite ku Bantu b imana yoo murahimirwa na bakecuru

  • harigihe nzanibaza ico firipo azoragabana biwe ntakibura.wopfuma urarubusa hakuvu amajambo yokubesha,kugiramuke kuko bazokuyaga neza.ndakurahiye kubera wabayeho ubesha niyobihindutse niwewe utukomoka kubwamashano wakoze rya bike uryame kare

  • hahahahahaha ndabatwenze muzomurekura kumayeri nibi maremare vyishi yoooooh kirazira kwidadirira mumafuti

  • abo bashonji, bansumirinda, abangushi, imihimbiri murakenyeye mubure ico mukora nico mwimarira ngo mutewe ubwoba n’abanyaburaya. murakenyeye mupfe musega!!! none muzokwikukira ryari muvavanure no kuja musega abazungu tuzi ko baduhendesha intica ntikize iduhuma amaso ikatubuza kwironderera ivyacu canke ngo duhumuke tubone kure. akimuhana kazinvurihise kandi ngo amazi masabano ntamara invyiro canke ngo umugabo ahaga amavoka ayiyamuriye burya abo muguma muhayagiza imfashanyo z’abazungu turabazi ko muri bamwe mwamye mwiyemera ngo muzi ubwenge mutunzwe no gusega mwibaza ko muzotungishwa no gusega canke kunyaga ivyo mutabiriye akuya. vavanura nako kageso mwige gutungwa nivyomubiriye akuya. hanyuma nabadefanda uwo muja mbonimpa muribamwe mupfa kwita mubitabaraba (ba bashingantahe) banjanye n’abaja, ngo ukorinabi ikagutangimbere uwo mugabo aprodehash claver ngira ntimuzi ko yahoze ari umusuma afise umugwi armée qui terrorisait la population,akica, akiba agakora za viols etc... ngejeje ngaho muravyitohoreza kandi muve ibuzimu mujibuntu kuko murateyisoni

  • Abo banyaburayi murababwigwa. Ntibigera bashigikira Majority kiretse iyo atakundi bari bugire canke iyo babibonanwo inyungu nyinshi. Muze musome ikiganiro President Salva kiir wa S Sudan yahaye NewAfrican September 2014. Muzoca mumenya umuzungu uwariwe. Abarundi nimwabandanya mugire amapolitique mwishakiye nimutasubira muri I na U ndabarahiye

  • Ewe NZOBONARIRWA ba uheba umaramare basi,abo bavuga ivyo bazi erega bafise ababaserukira ngaho.

  • Aba Dd Muragow Umus Mwavuy Kubutgts Muzicwa Nagahinda Kuk Mwakoz Ibidakorw Rekur Iyo Ntwari Yidegemvy Nayo Mweho Muzopfa Mwihambe Cank Ibisiga Bibary

  • Mugira Amanyama mutarabona a ba DD iconzi co ategerezwa kumurekura Vuba kandi mbonimpa nimutama yafashije abantu benshi ataravye UBWOKO ,INTARA,UMUGAMBWE .......nibindi.
    Aba dd Haraho nibaza ko atabwenge bafise ????bana nabandi,Reka guhohotera abantu ,Reka kwica abantu ni Agashusho k’IMANA ,MURIKO MWITERA UMUVUMO NABA NYU.
    IMBONERAKURE Nibareke kubahenda Hinduka !!ntwubake uburundi.bwamata n’ubuki.

  • yeweyewe l’État murekure uwomutama!burya isi iranzunguruka kandi Imana ikintu iragitangira impembo namwe nimurindire Izobasubiriza mundumane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.