IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OAG : Ntihararengerana ko integuro y’ibwirizwa shingiro iri mu nama (...)

OAG : Ntihararengerana ko integuro y’ibwirizwa shingiro iri mu nama nshingamateka ikurwayo

mardi 3 Kigarama 2013

Ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Reta OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) rimenyesha ko hatari bwarengerane ko ibwirizwa shingiro rigaruka, rikavanwa mu nama nshingamateka kugira abandi bose bashobore guterera ivyiyumviro ku bijanye n’ihinyanyurwa ryaryo.

Mu runani ADC Ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta baheruka gutanga ikiringo kizorangirana n’iyi ndwi turimwo, ko ubutegetsi nibutaba bwavanye ibwirizwa shingiro kugira ritosorwe ivyiyumviro vy’abandi bose bimenyekanye, ko bazohamagarira abanywanyi babo, n’abarundi bose kwihereza amabarabara kugira bavyiyamirize.

Ishiragamwe OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) rikurikirana ibikorwa vya Reta, rimenyesha ko ibisabwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bitari bikwiye gushika aho biyumvira kwihereza amabarabara. Umukuru w’ishirahamwe OAG, Godefroid Manirambona, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa mbere, yashikirije ko iryo bwirizwa shingiro rimaze kuzana impari zingana ukwo ryari rikwiye kuvanwa mu nama nshingamateka kugira ritosorwe mu mwumvikano, kuko ritaraba umugambwe uri ku butegetsi gusa, ahubwo ari iry’abarundi bose.

JPEG - 104.3 ko
Godefroid Manirambona, arongoye OAG

Godefroid Manirambona, arongoye OAG amenyesha ko mu gihe iryo bwirizwa shingiro ryohindurwa bidaciye mu mwumvikano, ingaruka zoba nyinshi ku banyagihugu, no ku makungu, agasaba ko abo vyega bose bogishwa inama.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.