IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OLUCOME imenyesha ko itemera ivyavuye mu matora vyashikirijwe na (...)

OLUCOME imenyesha ko itemera ivyavuye mu matora vyashikirijwe na CENI

mardi 28 Mukakaro 2015, par Paterne

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura itunga rya Reta rimenyeshako ryifatanije n’abandi mu kutemera ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,ayo umukuru w’igihugu n’abakenguzamateka.

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryatewe ko umukono na Gabriel Rufyiri arirongoye kuwa 28 Mukakaro,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ayo matora yabaye hatabaye umwumvikano hagati yabo vyega bose,kandi ko atubahirije ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gusubira mu biganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyose biri ku meza y’ibiganiro,no gukora amatohoza ataho yegamiye ku bantu bamaze iminsi bicwa abandi bakanyurunzwa.

Muri iryo tangazo nyene,Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyapolitike kwiyorosha bagasubira mu biganiro vyotorera inyishu ibibazo biri mu Burundi,kandi bakabandanya kurwanira ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro bitohonyangwa.

Ishirahamwe OLUCOME risaba amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kubandanya akora ataho ahengamiye kandi,aterere mu biganiro vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi,agafasha kandi gutora inzira yoshikana ku matora yubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba amakungu kubwiriza Reta isubire mu biganiro vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi,kandi ntafatire ibihano abanyagihugu yibaza ko abifatiye Reta,kandi afashe Uburundi kwaka ibirwanisho abo bose babitunze batabifitiye uburenganzira.


Van Naris

Messages

  • Wewe Ruyfiri kubijanye nibirwanisho kuberiki wibagiwe gushirako kakajambongo Imbonerakure kwarizo zabihawe? Eriga turakeneye gukomeza tuvuga imbonerakure kugira turabeko Amerika yozanka urunuka nkakurya urwanda rwabigize bigatuma abitwa Interahamwe zankwa urunuka. Nimba DD yaguhaye igipfukamunwa urabivuga.

  • Ngira mbe ndakuburira ko hari abo mwari musangiye imigambi baja kugutukira ngaha nyene kuri uru rubuga kubera ivyo washikirije, bwana Rufyiri

  • Imbonerakunya n’abagumyabondo tuzobiyamiriza mpaka mwomotse.

  • Nne ww kudahranira ivyaplitique ivymatora vyo bje gte?twarbahnyuy!!

  • Mbe Wewe Wiyita Kidovyi Mbe Urazi Imbonerakure Icarico Urabaza Nimba Utazizi Uzozimenya.Aho Urekuza Uburire Ngaho Twokumesa Wiyita Kadovyiga Ngo Ntitukuzi Sha Urabandanya Uko Kk Ntaco Uzopfa Ushitseko Ahubwo Rindira Dans 3 mois dushinge amategeko mashasha muzosaza murondera amarmko mutora ibintonko mbe wamenye ko ryategeko riri mugitabo camategeko ryubwoko nigitsina ryakuweho nabado Agatho Nawe Mumisi Uzokumva Asigaye Ari Umugumyabanga Namwe Mumend Ibanga.Tutsi,Hutu Canke Pigme Ubu Ntigikora Hakora Politikeyonyene NATWE PETER TURAMWEMEJE KUKO TWARAMUTOYE % MURI GITANGA RUTANA BN CHANCE

  • ndakengurukiye uwo muhumure kumpanuro yama atanga.

  • NIMBA BARI MU KURI,NI BABANDANYE IYO NZIRA,BASABIRE N’ABATWARA BASHIRE IMBERE IMANA,NTA NYAGUPFA TWESE TURI BENE MANA.

  • Iyo mvugo ya Rufyiri yotuma umuntu yibaza ibibazo: #amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ntagire aho ahengamiye, amakungu ntafatire ibihano abanyagihugu yibaza ngo abifatiye abategetsi# mbega ivyo barabihurizako na mbonimpa na pacifike? mbega bisigura iki? niko Rufyiri yamye abibona, canke ni akenge kagarutse?

  • OLUCOME wahorahe kutaruherutse kwitapa kurishirahamwe rinenga abarya ibiturire nabicwa, ubu niho wanka ivyavuye mumatora warasaze numenyeko amatora yabaye meza cane, nayo pita mwamwase kera ariko azobatwara mwanka mwakunda urya ninkona izira kwaruzwa.

  • Twebwe Abarundi nitwe dukwiye kuja hamwe atawusuzuguye uwundi hama tugatorera inyishu ibibazo vyose biduhanze.Turinze kwitura amakungu tuzoba twananiwe.KAZE-FDD na COPA Ngozi n’inkingi y’iterambere mu gihugu,ariko mu burundi hatorana uwutategerezwa gutorana.

  • Imbonerakunya ni ibibwana vy abagumyabondo!!!!!!
    Murahumba Addis bashizeko Leta yemewe izokwisunga ibwirizanshingiro!!!! mujahe??????

  • namwe ntakabanga!!! ntimugiranivyomwubaha?

  • namwe ntakabanga!!! ntimugiranivyomwubaha?zamwubaha abomwitorey tuzetwihurupfasoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.