IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME iriyamiriza integuro y’amategeko atatu ariko arigwa

OLUCOME iriyamiriza integuro y’amategeko atatu ariko arigwa

jeudi 13 Ruheshi 2013

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri ariyamiriza yivuye inyuma integuro y’amategeko atatu, itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru riheruka guterwako umukono n’umukuru w’igihugu ku genekerezo rya kane Ruheshi 2013, integuro y’itegeko riri mu nama nshingamateka rigenga amashirahamwe n’itegeko riraba amanama n’imyiyerekano.

Nk’uko yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013, Gabriel Rufyiri yarandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro ibereye mu Burundi.

Muri iryo kete akaba yiyamiriza yivuye inyuma integuro y’ayo mategeko atatu, amategeko yose uko ari atatu afise intumbero yo kunumya abadafise ivyiyumviro bimwe na Leta.

Kubw’umukuru wa OLUCOME Gabriel Rufyiri, uwo mugambi wa Leta ukaba ufise intumbero yo kunumya abo bose bavuga ivyerekeye abarya ibiturire n’ayandi matungo ya Leta kuko mu karongo ka b na i mw’itegeko rya 19 ry’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru kavuga gati: "Harabujijwe gushira ahabona inkuru yose yerekeye ukuntu ifaranga ry’igihugu ryifashe canke amakuru yerekeye amadeni igihugu gifise canke ubutunzi bw’igihugu." Gabriel Rufyiri akamenyesha ko izo nkuru zidakozwe hoca hama urunturuntu, na kare ko baca umugani mu kirundi bati : "Wanka kuvuga ukuri n’umunwa umutima ukakuvuga."

Ku nteguro y’itegeko rigenga amashirahamwe, naryo nyene ririmwo utunenge kuko nko mu ngingo yaryo ya 18, bavuga ko amasezerano akorwa hagati y’ayo mashirahamwe n’inzego zibijejwe azokwama asubirwamwo uko umwaka utashe.

Iyindi nteguro y’itegeko riteye amakenga ni irigenga imyiyerekano n’amanama naryo rigoye cane kuko kugira habe inama ishirahamwe ritegerezwa gutanga abantu batatu bemera ko igipfa kiri ku gatwe kabo.

Ivyo vyose bikaza bisubiza inyuma utwigoro twose, Gabriel Rufyiri akamenyesha ko ata gikozwe, umugambi w’igihugu ujejwe intwaro ibereye no kurwanya ibiturire azoba ari igikanganyoni gusa.

Akaba arangiza yizera ko ivyo yasavye vyose muri iryo kete umushikiranganji w’intwaro ibereye agiye kuvyumva hama akabishikiriza muri Leta kuko ayo mategeko yose akaramuka ashizwe mu ngiro ntakabuza igiturire mu Burundi kirabandanya gufata icicaro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.