IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba ko ibibanza vyo mw’isoko nshasha vyohabwa ababuze ivyabo mu (...)

OLUCOME isaba ko ibibanza vyo mw’isoko nshasha vyohabwa ababuze ivyabo mu yahiye

dimanche 26 Rusama 2013

Ishirahamwe OLUCOME(Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) rirwanya abarya igiturire n’abanyonyeza amatungo y’igihugu risaba ko hoba umuco mw’itangwa ry’ibibanza mw’isoko nshasha iriko irubakwa ahahora ikibuga c’umupira ca COTEBU.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bizofatirwako mu gutanga ibibanza vy’iyo soko izosubirira iyahiye kuwa 27 Nzero 2013, Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru wa OLUCOME aranegura ingene hari abadandaza bamwe bamwe badashobora kuzoronka ibibanza.

JPEG - 5.3 ko
Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru wa OLUCOME

Umurwi washizweho n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu wamenyesheje ko abandandaza bari bafitaniye amatati n’igisata SOGEMAC cagenzura isoko batashirwa ku ntonde z’abazohabwa ibibanza muri iyo soko nshasha iriko irubakwa.

Kubw’ishirahamwe OLUCOME, kuba hari abadandaza bafise amatati sivyo vyofatirwako kubera imanza zabo zikiri mu butungane, ivyo bikerekana bo bataragirwa n’icaha canke n’amakosa.

Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru wa OLUCOME abandanya asaba ko inzego zibijejwe zokora ibishoboka vyose kugira ico gikorwa co gutanga ibibanza kibere ku mugaragaro, kandi ko abahishije ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura aribo boshirwa imbere ku ntonde, abandi bakaza mu nyuma.

Yarangije asaba ko ikibanza cadandarizwamwo ivyamwa n’imboga kizwi kw’izina rya « «Le grenier du Burundi » ko cokwugururwa kuko cashoboye gucika kw’icumu nticafatwa n’impanuka y’umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura. Asaba ko ico kibanza cokwugururwa mu gihe ca vuba kuko vyari vyemewe, kikazofasha guha ikibanza co gukoreramwo abasanzwe badandariza mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura, aho usanga ata suku kandi bashobora guhitanwa n’amasanganya y’imiduga.

JPEG - 54.6 ko
Bamwe mu badandaza bahora mw’isoko yahiye ubu badandariza mw’ibarabara

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.