IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yavuye mu migwi CECI na CEPI itegura amatora

OLUCOME yavuye mu migwi CECI na CEPI itegura amatora

mardi 11 Munyonyo 2014

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta rimenyesha ko rivuye burundu mu migwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara no muma komine. Iryo shirahamwe rivuga ko ritashimishijwe n’inyifato itabereye yerekanwe n’umugwi CENI.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamukuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Munyonyo 2014, umukuru wa OLUCOME, Gabriel Rufyiri yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rivuye burundu mu migwi ijejwe gutunganya amatora ku rwego rw’intara na komine, ariko akavuga ko bazobandanya bakurikiranira hagufi itegugwa ry’amatora.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Gabriel Rufyiri aremeza ko kuva mu ntango, CENI yari yasavye OLUCOME ko yotanga abazoyiserukira mu ntara no mu makomine, ariko akavuga ko batangaye kubona ata n’umwe ishirahamwe OLUCOME ryahawe ku rwego rw’intara, mu makomine naho bagahabwa hamwe hamwe.

OLUCOME ibandanye imenyesha ko bandikiye amakete menshi CENI bayisaba insiguro y’ukwo kutaronswa ababaserukira ku rwego rw’intara, ariko akaba ata nyishu baronse. N’abari batowe mu makomine, Gabriel Rufyiri agatanga akarorero ka komine ROHERO, aho uwari yashizwe muri CECI muri iyo komine, ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, yakuwe agasubirizwa. Kubwa OLUCOME, iyo nyifato ya CENI yerekana ko uwo mugwi ukorera uruhande rumwe, bakawagiriza ko witwaje ishirwamwo ry’amashirahamwe ataho yegamiye kugira uronke inzira yo gushiramwo abegamiye ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri ahamagarira umugwi CENI kwumviriza impanuro no kwicarana n’abegwa bose n’amatora, kuko "Agasozi k’intahanugwa kahiye abagabo babona"


Alida Sabiteka

Messages

  • Ntaco vyica igihugu kirabandanya gikora.

  • Haaaaaa, ewe rufyiri uri nagahimbo basi, barakabona bagufyese, ico kibanza honyene nic’imigambwe si ca société politico-civile, nakagagazo kenshi nyene, urazi imigambwe yabuze ikibanza nawe ukaza kwigira akagarama ruganda nari kubitahura iyo numva umugambwe widoga nayo wewe ntukimenya nivyo association yawe ijejwe.

  • Mbega rufyiri ugirango wew ako gasociete kaw harico kafasha igihugu nabanyagihugu ko twaguhinyuyeko aho kuba umugiraneza uri uwigiriraneza!nguravuyemwo burundi!wariwaratevye nubundi.we nsumirinda.twarabahinyuye.azoba amatora meza kandi wewe ntaco waterera atari akajagari gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.