IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yiyemeje kurungika indorerezi z’amatora mu Burundi

ONU yiyemeje kurungika indorerezi z’amatora mu Burundi

mardi 23 Ruheshi 2015

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi MENUB uzorungika indorerezi z’amatora ategekanijwe gutangura mu Burundi,kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.

Mu mubonano n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe,Issaka Souna icegera c’umukuru wa MENUB yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizoba riri mu ndorerezi z’amatora imbere,mu matora n’inyuma y’amatora.

Issaka Souna yavuze ko umurwi w’indorerezi bitegekanijwe ko ushika kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,ukazoca urungikwa hagati mu gihugu ku butaka bwose bw’igihugu.Basavye ko abagize uwo murwi bocungererwa umutekano.

Umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe yemeje ko Reta y’Uburundi ibikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiteguye gucungera neza umutekano w’indorerezi z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mwomenya ko hasigaye ikiringo kidashika iminsi indwi,kugira amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine abe kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.