IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pablo DEGREIFF : Umugwi CVR wari ukwiye kujamwo n’amashirahamwe ataho (...)

Pablo DEGREIFF : Umugwi CVR wari ukwiye kujamwo n’amashirahamwe ataho yegamiye

mardi 16 Kigarama 2014

Abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bari bakwiye kuronka ikibanza mu mugwi w’igihugu wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe kuko ayo mashirahamwe arafise vyinshi azi muri kahise, kugira ukuri kuje ahabona.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, igenekerezo rya 16 Kigarama 2014, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe gushira ahabona ukuri, ubutungane no gukinga igaruka ry’amabi, Pablo DEGREIFF yashize ahabona icegeranyo c’imfatakibanza ku vyavuye mu rugendo yari amazamwo iminsi mu Burundi. Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU ikaba yaragendeye ibice bitandukanye vy’igihugu nka Bugendana, Gatumba, Itaba, Kibimba na Nyambeho, ibibanza vyakozweko n’amabi atandukanye muri kahise k’Uburundi.

Pablo DEGRIEFF akaba yashimikiye cane cane kw’ishigwaho ry’umugwi w’igihugu wo kumenye ukuri no gusubiza hamwe (CVR) uje inyuma y’imyaka 14 hateweko umukono ku masezerano y’i Arusha, aho amenyesha ko vyari kuba vyiza cane ko amashirahamwe ataho yegamiye aronka ikibanza muri uwo mugwi, kuko ku bwiwe, ayo mashirahamwe arafise vyinshi azi ku vyabaye mu gihugu kuko asanzwe akorana n’abakozweko n’ayo mabi (les victimes de guerre).

JPEG - 93.1 ko
Pablo DEGREIFF, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe gushira ahabona ukuri, ubutungane no gukinga igaruka ry’amabi

Kubw’iyo ntumwa ya ONU, Uburundi bwari bukwiye guca bwihutira gushiraho na sentare idasanzwe izokwiga ibizoba vyashitsweko n’umugwi CVR kuko barindiriye uwundi mwanya bishobora kugira intambamyi, uko bafata umwanya niko n’ivyabona bizimangana. Muri ico cegeranyo, Pablo DEGREIFF akaba atanga akarorero k’ishirwaho ry’umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB) ryakurikiwe n’ishigwaho rya sentare idasanzwe ijejwe gutatura amatati y’amatongo. Iyo ntumwa ya ONU agahamagarira abategetsi kwiga neza ibikorwa vy’uwo mugwi ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe kugira ntibizozane izindi ndyane.


Alida Sabiteka

Messages

  • Uyumutama ivyavuga nivyo ariko se uwomutuma amashirahamwe adaharanira ivyicaro vyapolitike muburundi yoyakurahe? Ushobora kuba udaharanira icicaro ca politic ariko haruwo ushaka ko akironka icogihe uramufasha kandi haraho unurusha gukora ntanka ko pasfique nininahazwe akorera opposition kurusha bo ubwabo kandi yibereye muri FOCODE none umuzanye woba uzanye uwudaharanira ivyicaro vya politic ?

  • ari ko ndatangaye uwo yiyita RUMURI ari muri ba ba DD bifuza ko haba iryane bakigumira kubutetsi.baryanisha abantu bakokeza ngo hari ubwoko bubi.

    ehe ndababwire nta DINI ,NTAMUGABWE,NTA BWOKO ,NTANTARA BIRIMWO ABANTU BINKOZI ZIKIBI GUSA .ABANTU BABUKORESH NGO BASHIKIRE IVYO BASHAKA.

  • Ndabarahiye kandi Imana niyocabona abobiyita ngontibaharanira ivyicarovya politike baragisibije ngaha muburundi mbese bigezenaho umengo nurudandazwa barose rumeze nka site yogucishako ama pibirisiti ugiraguti ukabona umunyamugambwe ariko araninama numuntuyiyita Ko adaharanira ivyicarovya politike ngondanje nzovugibinibi ngohanyumanamwe bomumashirahamwe adahararira ivyicaro vya politike muzocemuvuvibi ngomuzobamukoze ubworero bakanamufumbatisha, nabobanyamigambwebarabibwira abanywanyi ngonibaterere ngokugira dushobore kuronka uburyo bwokuzaturikora kubanyamashirahamwe adaharanira ivyicaro bazebaradufasha kuvuga. Arikorero nubwobirukwo bababazi abiyisekobadaharanira ivyicaro ariko arabanywanyi bimigambwe yabo. Ikindi nobabwira baryabanyamadini barabatinya kubasaba kubafasha kundambikanya, ariko kukonabo bababafise ahobashaka kohoterimbere harigihe kugatwekabo bitora bakavuga ibintu ubonako bibogamye, arikorero nubwobirukwo twovugako abadaharanira ivyicaro arabanyamadini. Uwomuzungurero wa ONU yorema kukokugerubu abotubona badaharanira ivyicaro nabanyamadini ninacogituma twabibanzekocane.

  • erega ukuri rimwe narimwe kurababaza ntabutegetsi bukora amanyanga bukigungira kubiti nogusambura igihugu.be nababuyoboka surtout muri afrika mwokwemera les sociétés civiles. ariko mukitwaza abanyamadini babihetseko .nobagira inama nti .,turiya ubu abarundi twese turazi ukuri .aba menyesha makuru bavuga mufunga, abiririmbira, gutyo.yoooh,,, birabagoye

  • Aha mu Burundi hari ikibazo ca. Hutu Tutsi gusa nimba iyo mirwi ibiri yaraserukiwe C’est fini.

  • Uwo ivy’Uburundi ntavyamenya kandi ntakwiye kuvyisukamwo. Muragabe, abo"bagira neza" bitwaza "imfashanyo" kugira bamize Afrika mu bukoloni.Biramaze ku garagara ko mu Burundi .ata societés civiles ziriho, iyaba zari partis d’opposition biba ari vyiza, none ziserukira amoko yabazirongo!!!

  • None; abadaharanira ivyicaro vya politike ntibisigurako baguma bahoze kandi hariho ibitagenda neza;aho hohoho ntaco boba bamaze,batagiye baravuga ibigenda nabi,ibigenda neza n’ibikwiye gukorwa ngo igihugu giter’imbere. Bitabay’ivyo ntaco boba bamaze.

  • Ivyo bizungu sinzi ico bidushakako

  • Abadaharanira ivyicaro vya politike ni bakore icabazanye,barekeihgikorwa cose kijanye na politike,mu Burundi usanga bamwe bamwe mwayo mashirahamwe bivangatiranya muri vyose,nti Abahende amakungu,hari abitwaza amacakubiri y’uburyo bwose mbere barutwa n’abanya migambwe.None nko muri Focola harimwo hutubangahe?Ahubwoamwamwe ni "BAYAFUTE" hasigare nka Olucom na Aprodeh gusa.Muri Kenya honti mwaraye mwumvise kobafuse ayarenga 500,kuko yivanze,mu burundi bofutanka 1000 !akajagari kogabanuka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.