IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pacifique Nininahazwe aratera ivyatsi abakora ubwicanyi mu myiyerekano

Pacifique Nininahazwe aratera ivyatsi abakora ubwicanyi mu myiyerekano

vendredi 8 Rusama 2015

Pacifique Nininahazwe ari mu bahamagarariye abanyagihugu kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, avuga ko abaturira abantu, inzu canke imodoka batari kumwe.

Pacifique Nininahazwe avuga ko bababaye bumvise ko hari umunyagihugu yatuririwe muri komine ya Nyakabiga kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Rusama, yagirizwa ko yoba ari imbonerakure, akavuga kandi ko bateye ivyatsi iyo nyifato.

Avuga ko umunsi umunsi kwica umuntu azoba ari igisanzwe, canke umunsi umuntu azokwicwa ntibavuge,bazoba abananiwe. Amenyesha ko nimba hoba ubwicanyi nk’ubwo ababukora boca bagomba bakayoboka intwaro ihari ubu kuko ariyo yaranzwe n’ubwicanyi.

Pacifique Ninihazwe amenyesha kandi ko uwishwe yagirizwa kuba ari imbonerakure ashobora kuba ari umutego kuri abo badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, agasaba abari mu myiyerekano kwama bari maso kugira ntihagire uwoza kubinyegezamwo ngo akore ubwicanyi.

Pacifique Ninihazwe asaba abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca agatatu ca Petero Nkurunziza, kworohereza abamenyeshamakuru kuko , hamwe n’abaganga kuko bariko bakora igikorwa c’iteka,asaba kandi kwubahiriza abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuko aribo bashobora gushikana ivyipfuzo vyabi imbere.

Muri Reta y’Uburundi babicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ari kumwe n’abandi batatu, uwo umutekano, uwo kwivuna abansi n’uwo imigenderanire, barashitse muri komine ya Nyakabiga kuraba ahiciwe uwo muntu aturiwe.

Edouard Nduwimana yavuze ko Reta y’uburundi nayo iteye ivyatsi ubwo bwicanyi,aca amanyesha ko ibintu nk’ivyo vyaheruka kubonaka mu magume yabaye mu myaka y’1996,aca abaoneraho abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda.

Mwomenya ko Pacifique Nininahazwe yabivuze ku munsi ugira icenda w’imyiyerekano, inyuma y’aho hari umuntu yishwe aturiwe muri komine ya Nyakabiga.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nareke Kwikanuz,amaso Bishe Vyemere Nivyo Mwishe Kare Mwica Mugendaninkoho Mugaca Muhindura Muvuga Ngo N,imbonerakure N,abapolisi . None Imana Ntibishize Ku Mugaragaro Musubiye Guhamburura Ivyari Vyahambwe Mumitwe Y,abantu Ese Iyo Muhamagarabaja Mu Matora Mwakamwankira Mu Matora Ivyo Mwari Mwakoze Vyari Kwumvikana Non,ubu Politike Yabashutse Yanse

  • None mbaze barya baraswa nigi polici n imbonerakure kontaruva uyo nduwimana avuze iyo rero niwe aruta abandi hoho bafatana mundagute arimwe mu bafukamye munda wuva amajambo yavuze wuva afita ubwenge uwokwivuna abasi nuwo mutekano muraba mubona bakora akazi nkuko bikwiye aho imbonerakure zambara impuzu zabajejwe umutekano ntibafatwe angerenade bagatera barorera aho ntimubona ko imbonerakure zahejeje kwigaza icombona abobagabo batumyeko iyomyiyerekano nibatange inkoho nabonyene batangure kurasa urabe mudwi imwe uzoyuvire ko ivyobavuga kobitazokuvirwa na buyoya vyaruko yakuweko niki ? Umuriro niwo ufita ijambo ngaha mu burundi umunwa ntukora aho muracapfa mukiriko jewe kuja mu mabarabara sindimwo mukavuga urusoro ndimwo kuko bampushije ndamugema uyo niwemuti usigaye umunwa wase so hasugaye iki NDABABAJEJE ?

  • Paci reka kubihakanakubihakana,nivyo wabatumy.ariko mumenyko umuriro w’inkazi uri hejuru y’abarundi bamez nkamwe.bandanya umusi w’uhoraho wokwimarishavu urihafi.

  • N’areke kwigira inkoko ari igihuna ngo aduhende nk’ukwo umenge ntitugira ubwenge nkawe.Urya muntu yishwe n’abo we nyene yahamagaye agatuma mw’ibarabara.Iyo bakoze neza arashima ngo ni rwiwe.Iyo bamenje akarahira urwagandiye ngo siwe.Ko nzi ari umunyamategeko, nagende arabe article 260 CCL3 acabona neza uwuzobibazwa. Iyaba yumva, yazindura arabakura mw’ibarabara nayo ahandi ntiyibazeko inkuba izotwara umwansi gusa.Ikibwirwa n’icumva kandi icerekwa n’ikibona

  • komera mutama ntimurwe mu mutego wabo bose bagomba guha intumbero yindi igikorwa mwiyemeje, Reta yaraye yerrekanye ko hariho banyagupfa na banyagukira ariko ntibibace inkokora Hasta LA Victoria Siempre

  • Paci reka kubihakanakubihakana,nivyo wabatumy.ariko mumenyko umuriro w’inkazi uri hejuru y’abarundi bamez nkamwe.bandanya umusi w’uhoraho wokwimarishavu urihafi.

  • Urahumba niwe wabatumye uzobibazwa bitebe bitebuke numwana avutse azokwiga amateka yihonyabwoko rikuri mumutwe na empire hima ushaka gukora na benewanyu

  • komera mutama abariko bicya abantu bashaka ko Nkurunziza pierre aronka amaraso yabarundi 5000 yasabwe numwami w isi Satani kugirango atsimbatare kubutegetsi bw i burundi

  • biratangaje cane kubona abantu nkabo ba pacifique na vitar basubiye kutwibutsa amapine nagira ndabibutse yuko abishe kadafi baribazi kivyabo bigiye kuborohera ariko inyuma yinyungu haza akanyarire ababiteguye bose barapfuye kandi ntacahindutse muri ribia ahubwo vyunyutse gusumba aha rero pacifique azi yuko azo shobora guhagarika iyi ntmbara yatanguje eka namba yibuke yuko nabuyoya yari yashize abasanzesheke mwibarabara hageze aho abakura muriryo biranka rero uyo hamwe na vitar bomenya yuko ubwo buryo atabwobafise kandi harigihe nabo batazogira amhirwe baribiteze ubu honyene vyatanguye kubagora ku bacunga aka nwa kabo huzuyemwo amacakubiri gusa

  • Mbe uyo apfuye ku mengo reta irababaye cane mbe baryabapfa bobo sabantu ? Ntamusi naribwabone abapolici n imbonerakure cokimwe naza nkorerezi bakota bishe abantu reta ntiyigera iza kuraba uyo umwe apfuye amajambo nduva abaye meshi pe so ahubo nibareke kuja mu myiyerekano nibaduhe inkoho dutangure akazi kuko ivyosome ku mirasire comu rwanda mufise amazinda nimugisome murabe babicanyi bomurwanda baraho imbonerakure zifise inkoho igisirikare nigipolici ntibivuga umugambi witwa OPERATION KIRIBAT vyavuze abajenerare begereye shimirimana yandika imirasire uvyisomere neza mbe igihe ko mu tabishirako abarundi bamenye ukuri ? Muratinya nyishure

  • Barundi Bene Wacu!Mfatane Munda Mureke Kwicana.Uworyoherw Mugenzi We Apfuye Yoba Nde?Uwupfa Wese Ntarindi Zina Twotegerezwa Kumuha N’umurundi,Tukamenya Ko Igihugu Cacu Gitakaj Inzirakarengane.Uwariw Wese J Ndamwita Inzirakarengane Nk’umurundi Akunda Uburundi N’abarundi.

  • Gahanuzi ndakwunganire,
    Pacifique et consorts nibo barungitse abantu uruvunga muri manifestations.
    Les degats zahabaye ziri kugatwe kabo.Uyu muntu yapfuye yambitswe i pneu yanka ni barbarie notoire izobazwa pacifique et consorts.Ahubwo Pacifique et consorts nibabe baregeranya utwabo.Soit barafungwa kuzoherayo aho ni imana bazoba bagize.Ou bazobihora.Kwicwa n umuriro ni ibara ku mutemere!!!!!!!!!
    Hakumaramara aza kwivugisha ama discours qui trahissent uyihweje neza usanga muri we ari egocentrique surtout yarooonse le mepris qu un homme comme lui afitiye abahutu...Vraiment Pacifique degage rondera iyo uja kwinyegeza ntukiri umuntu...Sinon bwira bagenzi bawe batomore neza ico bashaka bagishikirize isi yose hama abakiri abantu bazoganire
    kwica par le feu des pneus kweri ni ibara.Ndagusavye Pacifique uze kwicara hama wiyumvire le film yubwo bwicanyi

  • oya uwo pacifique ntabwo yababaye kuwo yaturiw nabiwe ahubwo ngo nuruhigi gw’imbonerakure rwatanguye arik ubu tugiye kuvyiyamiriza,ashaka kugira bimwe yakorera abahut bo muri kaminuza ariko yofatwa two mutekera mukirago yarahize uko yokwica abantu arakubura aca abakwegera mumabarabara none raba ibiriko biraba nareke yaradometse ark kuzimya bizomugora.

  • Pacifique, ivyo urikuravuga vyokwirisha utunyoni ntabwobigukurako amabi yabowatumye kugujorera barikobarakora, akarorero, nkatwebwe tudazhobora gutungwa nutwodufranga nuha abagiye mwibarabara murabona tuzokwibagira iyi misiyose tumaze twogaye amazu yubudandarizo yacu mukugaza amabarabara kugezanaho atamodoka ningenzi zigica imbereyaho tudandariza! Icarikukuberaciza nambushaka koko utarinyuma yizonkoramaraso koresha utwotunwatwawe uvuge uti: Kubera harimwoharibonekezamwo abakora ibinyuranye nivyotwashaka turahagaritse imyiyerekano twaritwarahamagarije abenegihugu gukora. Utabikozegurtyo abobantu bahejeje kugutamukaga ntakibuza, nashakakukubwirako abowashomongoreye mwibarabara bidashobora kukworohera kubakontorora kuko urazoraba babandibose birirwa bahagaze kwi barabara nabamwebose bamabacungana nuwosamara ngobamwibe, nabandibose barara kumugono abenegihugu, nabandibose baribagisibije mumabi atandukanye bosebabaye abambere mukwitabira akamo wabateye etc, abo rero ntushobora kuba cotrora ngobukunde, urumvakorero vyasebikunze urawunwa!

  • nyakubahwa pacifique ndagukunda kandi ndagusonera.nkundira nkubaze?kuki utera ivyatsi kubijanye nimbonerakure yaturiwe jewe ahubwo ndababazwa nizafashwe zikarekugwa.mbega twebwe koturaswa nigipolice Reta yankurumbi irorera kwatabashikiranganji bahaguruka ngobamire?rero twebw dupfe nkabana binyoni ntitwivune.genda urabe muri pcr abagizwe ibimuga nigipolice.ahubwo ndasavy aboturikumw twes dufashe iyo mihimbiri yimbonetakure tuzoce tuziturira kandi mubonye umukozi wa documentation nawenyene uko.kandi tugerageze duturire ivyabo bantu basigne bakarekurira nkurumbi akitoza ahonyanze amategeko.nuko murakoze

  • nyakubahwa pacifique ndagukunda kandi ndagusonera.nkundira nkubaze?kuki utera ivyatsi kubijanye nimbonerakure yaturiwe jewe ahubwo ndababazwa nizafashwe zikarekugwa.mbega twebwe koturaswa nigipolice Reta yankurumbi irorera kwatabashikiranganji bahaguruka ngobamire?rero twebw dupfe nkabana binyoni ntitwivune.genda urabe muri pcr abagizwe ibimuga nigipolice.ahubwo ndasavy aboturikumw twes dufashe iyo mihimbiri yimbonetakure tuzoce tuziturira kandi mubonye umukozi wa documentation nawenyene uko.kandi tugerageze duturire ivyabo bantu basigne bakarekurira nkurumbi akitoza ahonyanze amategeko.nuko murakoze

  • Ndi Erenestes Ico Nosaba Aba,rundi Baze Dusengeranire

  • Biratey isoni.ntibagasubirwe ni ibara

  • Burya rero abarundi tworek kuza turican ataco dupfa kuk ivyo dupfa twabisanzeho kand tuzobisigah ntanakimw tuzojan.rer yab Pacifique Nabo Birikumw .Canke Yaba Reta Nabayishigikiye Ntanumwe Twovuga Ngo Ni Mweranda Kuko Bose Baharanir’inyung Zabo Ahanini.Umunyagihug Nawe Agacarwa Mumporero Y’abo Bapf’inda!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.