IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Icegeranyo c’ivyavuye mu nama rukokoma y’ubutungane nigishirwe (...)

PARCEM : Icegeranyo c’ivyavuye mu nama rukokoma y’ubutungane nigishirwe ahabona

mardi 6 Rusama 2014

Mw’ishirahamwe PARCEM bararajwe ishinga n’ukungene ubushikiranganji bw’ubutungane gushika uno munsi butarashira ahabona icegeranyo c’ivyavuye mu nama rukokoma y’ubutungane yabereye mu ntara ya Gitega. Kubw’umukuru wa PARCEM, ivyavuyemwo bishobora kuba impfagusa atagikozwe.

Mu gihe kuri uno wa kabiri, ubushikiranganji bw’ubutungane bwatunganije uruganda rwo gushira hamwe intambwe za mbere zivyerekeye umugambi wo kurwanya igiturire (restitution des premières étapes de la planification stratégique), mw’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) basohoye urwandiko bavuga ko babona ko inama rukokoma y’ubutungane yabereye mu ntara ya Gitega ku magenekerezo ya 5 gushika kuwa 8 Myandagaro umwaka uheze ishobora kuba impfagusa, kuko icegeranyo c’ivyavuyemwo kitarashirwa ahabona gushika n’ino saha, kandi bari bizeye ko iyo nama ije guhindura ibintu mu vyerekeye kurwanya igiturire.

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Muri iyo nama bakaba bari bemeranije ko ico cegeranyo kizoca gisohoka inyuma y’indwi zibiri gusa ariko amezi icenda akaba arangiye.
Muri PARCEM bavuga ko iyo nama yatwaye uburyo bwinshi cane, ikoranya abantu batandukanye yaba abarundi canke abanyamahanga, ariko muri PARCEM bagatinya ko vyose bishobora kuba impfagusa ntihagire ikivamwo.
Muri PARCEM bemeza ko mu gihe ubutungane butigenga, kurwanya igiturire uzosanga hahanwa ibiturire bito bito gusa (petite corruption), nk’uko biri muri urwo rwandiko rwateweko igikumu na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.

Ishirahamwe PARCEM risaba ubushikiranganji bw’ubutungane gusohora icegeranyo c’ivyasabwe mu nama rukokoma y’ubutungane yabereye mu ntara ya Gitega.
PARCEM isaba kandi ko hoca hatunganywa inama yo kwemeza ibiri muri ico cegeranyo mu mwanya wa vuba (réunion de validation).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.