IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM isaba abegwa bose n’ibibazo vya politike mu Burundi kwicara (...)

PARCEM isaba abegwa bose n’ibibazo vya politike mu Burundi kwicara hamwe

mardi 8 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM risaba Reta y’Uburundi n’abanyepolitike kwicara hamwe mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2015,Faustin Ndikumana arongoye PARCEM yamenyesheje ko igihe tugezemwo atari ico guterana amajambo,ariko ari ico kuronderera hamwe inyishu z’ibibazo bihanze igihugu.

Faustin Ndikumana yavuze ko ari akaryo ko kubwira impande zose ziri mu gisata ca politike ,ko muri iki gihe abanyagihugu ata ngwano bagikeneye,kuko mu ngorane z’abanyagihugu atawuvuga ngo natsinze.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM asaba Reta kumenya ko igihugu kiri mu ngorane,abanyamigambwe nabo bagahagarika gukoresha imvugo zisubiza igihugu mu ntambara,bakirinda no gukoresha urwaruka rubayoboka mu bikorwa bihungabanya amahoro n’umutekano.

Faustin Ndikumana asaba kandi abajejwe umutekano gukora akazi kabo neza,kugira bagarukane umwizero hagati yabo n’abanyagihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Amanyama yaguheranye wahora utuka reta none wabonyeko ataraho gutuma umwana urasubira urabe ko iryokoti batarikatamwo kabiri

  • Amanyama yaguheranye wahora utuka reta none wabonyeko ataraho gutuma umwana urasubira urabe ko iryokoti batarikatamwo kabiri

  • izina niryomumuntu hindura ingendo nyene uze uravuga amajambo nkayo yubaka ikibisukugwa ikibi nukutavyuka

  • abo mwaroshe mumyiyerekano mubafashije iki komuhinduye ingendo turabashimiye kuvyo mushikirije mugabo mwari mushizwe kwari guhanura abanye protike hanura abo mwahaye ibrwanisho nababisahuye cagihe cakudeta reta yabemereye ko ataco izobagira hanura babizane vuba ibiganiro vyose bizoba ntibakore kuri manda kuko sentare yubahiriza ibwirizwashingiro yarahejeje hindura mugaruke tuzobakira ntakamaro kintambara atari amarira f

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.