IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM isaba Reta gushinga ikigo gikora ivyigwa bijanye n’imigambi (...)

PARCEM isaba Reta gushinga ikigo gikora ivyigwa bijanye n’imigambi yayo

vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ishirahamwe PARCEM risaba Reta gushiraho ikigo gikora ivyigwa vyotanga intumbero y’imigambi ya Reta. Faustin Ndikumana yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

JPEG - 7.6 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Muri ico kiganiro co kuri uno wa gatanu igenekerezo 27 Ruhuhuma, ku bijanye n’isoko nkuru ya Bujumbura , Faustin Ndikumana arongoye PARCEM (Parole et actions pour le réveil des consciences et l’évolution des mentalités) amenyesha ko uwo mugambi ushobora guteza imbere igihugu hamwe vyokorwa neza, kuko wonagirira akaruhso igihugu hamwe ico kigo coca gikurikirana ibijanye n’inyubakwa zizoshirwa ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura mu ntumbero y’ineza y’igihugu.

Asigura ko hari uburyo bushasha bugezweho, aho abikorera utwabo aribo bubaka amasoko canke amabarabara mu bihugu bikenye, kuko ivyo bihugu usanga bitagsihoboye kuronka amadeni yo kuvyubaka , canke ugasanga n’abagifasha bataca bakurikiza ubwo nyene imigambi igihugu cifuza. Imitahe yo hanze irashobora gukora ugasanga ingenzi ziza ari nyinshi Igihugu kirashobora kuronka agahengwe .

Faustin Ndikumana arongoye Parcem akaba asaba Reta y’ Uburundi gushiraho ikigo c’igihugu ciga imigambi be n’iyo ikaja ahabona ku neza y’igihugu. Ibiriko biraba baba bakwiye kubishira mu ntumbero bakareka kubikora bidaciye mu muco kuko arivyo bituma abatari bake bagira amakenga adasanzwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.