IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : ubushikiranganji bukwiye gushira ahabona amafaranga (...)

PARCEM : ubushikiranganji bukwiye gushira ahabona amafaranga bukoresha

lundi 30 Nyakanga 2013

Mu gihe hegereje ko inama nshingamateka itegura amahera akoreshwa ku mwaka, mu kwezi kwa Gitugutu, ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) rihamagarira ubushikiranganji bwose gushira ku mugaragaro amafaranga yose bukoresha kugira bwirindwe igipfungu gishobora kuba mw’ikoreshwa ry’amafaranga.

Faustin Ndikumana, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa mbere wa 30 Nyakanga 2013, yamenyesheje ko agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ibereye bidashobora kuvugwa mu gihugu mu gihe itunganywa ry’amahera Leta ikoresha ritagenda neza, kuko ayo mafaranga ari ay’abenegihugu.

Intumbero nyamukuru y’ico kiganiro akaba kwari ukuganira ku bijanye n’itunganywa ry’amafaranga ubushikiranganji bukoresha. Uwurongoye PARCEM Faustin Ndikumana amenyesha ko kuva kera itunganywa ry’amafaranga Leta ikoresha ritigeze ritomoka kugira n’abanyagihugu basobanukirwe ingene akoreshwa na rirya ari uburenganzira bwabo bwo kubimenya. Inama nshingamateka ntiyigera itanga akaryo ko kuganira urutonde n’ibikorwa nyamukuru vyokorwa, ivyo navyo bigashobora gutuma hashobora kuba inyuruzwa ry’ubutunzi bw’igihugu. "Birakwiye ko ingendo zihinduka mu bijanye n’uko amafaranga y’igihugu atunganywa atari uko ntaho igihugu kiriko kiraja."

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Faustin Ndikumana abandanya amenyesha ko muri kino gihe hasigaye hari ingendo yo kwerekana integuro y’itegeko y’amafaranga azokoreshwa ku munota wa nyuma, ivyo rero bica bizibira inama nshingamateka kwiga gushika mu mizi uko amafaranga azokoreshwa kugira bakureho igipfungu kiba cibonekeza muri iryo tunganywa.
Uwo arongoye PARCEM, Faustin Ndikumana amenyesha ko gutora ingene amafaranga azokoreshwa hamwe n’ibikorwa nyamukuru vyorangurwa imbere y’ibindi. Iyo ivyo bibaye bigira ingaruka nziza ku buzima bw’igihugu mu vyerekeye ivy’imibano n’ubutunzi. "Kuko nta muntu n’umwe ayobewe ko integuro y’amafranga akoreshwa ari kimwe mu bituma igihugu gisubira inyuma canke kigatera imbere. Ni naco gituma gutora imigambi ija imbere y’iyindi bisaba ko hojamwo n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike."

Kugira igipfungu cibonekeza rimwe rimwe mw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga ya Leta gikurweho, ishirahamwe PARCEM rihamagarira Leta gushira ahabona ukungene ubutunzi bw’igihugu buba butunganijwe. Amafaranga akwiye kujana n’umugambi kanaka, ayateguriwe igikorwa akagikora. Abashikiranganji batandukanye bakwiye kuja imbere y’inama nshingamateka bagasigura ico amafaranga azokoreshwa, bakongera bakaraba ivyoja imbere y’ibindi mu vyokorwa. Faustin Ndikumana asaba kandi ko abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike nabo boza barahamagarwa iyo hageze kwiga integuro y’amafaranga akoreshwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.