IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM yashize ahabona icegeranyo c’ivyaranguwe mu mezi atandatu

PARCEM yashize ahabona icegeranyo c’ivyaranguwe mu mezi atandatu

mercredi 10 Mukakaro 2013

Ishirahamwe ryishinze guhamagarira abantu guhindura ingendo, PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution Des Mentalités (PARCEM) ryatunganije kuri uyu wa gatatu ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho uwurirongoye yariko yerekana ivyaranguwe mu mwaka w’2013, mu mezi atandatu aheze.

Mw’ishirahamwe PARCEM bamenyesha ko biciye mu bisata vyabo basanzwe bumviriza, bagatohoza kandi bagakurikiranira hafi ibikorwa vy’ubunyonyezi ku buzima bwose bw’igihugu. Faustin Ndikumana, umukuru wa PARCEM yamenyesheje ko mu kiringo c’amezi atandatu y’umwaka w’2013 bashoboye gutora amadosiye 127 y’ubunyonyezi n’igiturire. Muri ayo madosiye, ibisata vy’indero, ubutegetsi n’ubutungane bikaba arivyo bibangamiwe.

Asuzumye ayo madosiye, Faustin Ndikumana yaneguye abigisha bamwe bamwe bakibandanya gutanga amanota ku banyeshure babanje kubasaba amahera. Aranegura kandi abayobozi b’amashure bagitoza amahera bavuga ko ari ayo kwubaka ibindi birasi canke aho abanyeshure bakarihiriza ubwenge ariko ayo mahera ntiyigere amenyekana irengero ryayo, akibutsa ko ivy’ayo mafaranga atozwa bitumvikana mu gihe Leta y’Uburundi yatanguje umugambi wo kwigisha abana ku buntu.

Ku bijanye n’igisata c’ubutungane, Faustin Ndikumana amenyesha ko ka mwana wa mama kibonekeza mu gutanga ubuzi hatibagiwe ababanza gufumbatishwa. Ikindi kizingamitse ico gisata ni ukudashira mu ngiro imanza ziba zaciwe bivuye ku ruhande rumwe ruba rwapfumbatishije.

Faustin Ndikumana abandanya anegura abasitanteri bagitunganya ubutunzi bwa komine nk’uko bavyiyumvira, atibagiye igipfungu kiboneka mu gutanga amasoko ya Leta muma komine, iyo cane cane ari nk’urwubako.

Yarangije asaba abategetsi kwerekana ugushaka mu ntumbero yo gutuza igiturire, maze iterambere risage igihugu.

Twobamenyesha ko ico cegeranyo c’ivyaranguwe n’ishirahamwe PARCEM kigiye ahabona mu gihe ishirahamwe "Transparency International" ryaraye rishize ahabona naryo icegeranyo cerekana urugero igiturire kiribwa kw’isi yose, aho Uburundi buharurwa mu bihugu bitandatu vya mbere kuri 176 kw’isi mu kurya igiturire.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.