IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yasezeye isi

Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yasezeye isi

mardi 6 Nzero 2015

Umuryango w’aba misiyonari b’aba "Xaveriens" wabuze umwe mubari bamaze imyaka myinshi barangura imirimo kw’izina ry’uwo muryango mu Burundi. Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yitavye Imana ku munsi w’Imana mu gihugu c’Ubutariyano, ahitwa i Palme. Umwe mubazi uwo mupatiri aravuga iragi asigiye abamumenye.

Patiri Dieudonné Niyibizi asanzwe ari mu gihugu c’Ubutariyano ni umwe mubazi Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yahora arangurira amabanga yiwe kuri Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge.
Uwo musaserdoti avuga ko "Buyengero" yarungitswe mu Burundi akiri muto cane ku myaka 28 mu gihe ariho yari acatirwa mu bupatiri, mu mwaka w’1964, akorera mu Rumonge, Murago, Rumeza, Buyengero, hamwe no mu Kamenge. Yahavuye ahabwa ubwenegihugu bw’Uburundi muri Ruheshi 2011, akaba mbere yari azi neza Uburundi n’ikirundi ku buryo atari agifatwa nk’umunyamahanga.

JPEG - 50.7 ko
Patiri De Cillia Giuseppe batazira "Buyengero" yasezeye isi

Mu nyigisho yahora atanga mu misa yasoma kuri Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge, Patiri "Buyengero" yahora yama asigura ko yipfuza kuzobona abakirisu b’abarundi babayeho bagendera Ijambo ry’Imana, ntibabe ingwizamurongo canke abuzura ingoro y’Imana ku minsi y’Imana gusa.

Patiri "Buyengero" mu myaka irenga mirongo itanu yari amaze mu Burundi, yaritayeho n’ibikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu, aho Patiri Dieudonné Niyibizi, umwe mubamuzi akibutsa amasengero yubatswe, amashure, ibibuga vy’umupira, ibigo, amabarabara, imifurege y’amazi hamwe n’ivuriro n’ubu rifasha abanyagihugu riri mu Kamenge, hamwe n’ibindi bikorwa vy’iterambere yaranguriye mu ntara za Bururi, Gitega, Muyinga na Cibitoke. Ivyo bikorwa vyose bikaba vyatumye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi amuha agashimwe ko kumukeza ku genekerezo rya mbere Rusama 2010, umunsi hariko hahimbazwa umunsi mukuru w’abakozi n’akazi.

Patiri De Cillia Giuseppe "Buyengero" yitavye Imana ahitanwe n’ingwara mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Nzero 2015 mu gihugu c’Ubutariyano i Palme, bikaba bitegekanijwe ko azoshingurwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Nzero 2015, inyuma y’inkuka y’imisa izobera aho mu Butariyano nyene igihe c’isaha zine z’agatondo (10heures).


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.