IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Paul Mirerekano yari intwari

Paul Mirerekano yari intwari

mardi 30 Mukakaro 2013

Paul Mirerekano yabaye umukuru w’inama nshingamateka wa mbere yitorewe n’abanyagihugu, baramugandutseko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro 2013, inyuma yaho agandaguriwe muri Gitugutu mu mwaka w’1965.

Mu misa yo kwibuka uwo muhisi, umwungere wa Diyoseze ya Muyinga Musenyeri Joachim Ntahondereye yamenyesheje ko ibikorwa vyaranguwe n’umuhisi Paul Mirerekano vyamugaragaje nk’umwana w’Imana koko. Yabandanije asaba abarundi ko borengera agahitiye mu gihugu. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’abanyacubahiro batari bake, harimwo icegera ca mbere c’inama nshingamateka Mo-Mamo Karerwa yari yaserukiye Leta.

Nk’uko bivurwa na bamwe mubo bagendanye, umuhisi Paul Mirerekano yari intwari kandi yari umuntu akunda igihugu na cane cane ko ari mubafashanije n’umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore mu kuronderera inatahe y’ukwikukira Uburundi. Mu matora yo mu kwezi kwa Rusama mu mwaka w’1965, yari yatsinze amatora ku majwi 65 kw’ijana. Paul Mirerekano rero akaba yari umuntu yipfuza cane kurwanya inzara, kuko yari yatangute imigambi y’ukurwanya inzara mu bice vya Bugarama. Inyuma y’aho agandaguriwe rero mu mwaka w’1965, umuhungu wiwe nawe w’imfura Jean Baptiste Mirerekano akaba yaciye agandagurwa mu mwaka w’1972. Muri ivyo birori vyo kuri uyu wa gatandatu, bakaba baragandutse k’uyo muhungu wiwe w’imfura ndetse n’umupfasoni wiwe yahavuye yitaba Imana mu mwaka w’2009 ahitanywe n’urwiwe.

Ku bw’uwaserukiye umuryango wa Paul Mirerekano ariwe Marie-Goreth Mirerekano, yasavye Leta ko abakoze amarorerwa nk’arya ko bomenyekana, ukuri ku kaja ahabona. Uwaserukiye Leta Mo-Mamo Karerwa yamenyesheje ko izina rya Paul Mirerekano n’umupfasoni wiwe bidakwiye kwibagirwa na cane cane ko Paul Mirerekano yari umuntu w’intungane, yaharanira intwaro rusangi, kwubahiriza agateka ka zinamuntu no mu gukomeza intwaro ibereye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.