IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Buyoya yasavye Alassane Ouattara ko yomushigikira

Petero Buyoya yasavye Alassane Ouattara ko yomushigikira

vendredi 17 Gitugutu 2014

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Buyoya, mu rugendo arimwo mu gihugu ca Côte d’Ivoire, yamenyesheje ko ubushobozi yakuye mu mabanga akomakomeye yagiye arashingwa aribwo buzomufasha mu burongozi ariko arahiganirwa bwo kuyobora ishirahamwe ry’abakoreresha ururimi rw’igifaransa.

Mu rugendo arimwo kuva kuri uwu wa kane mu gisagara ca Abidjan mu gihugu ca Côte d’Ivoire, umukenguzamateka Petero Buyoya yabwiye abamenyeshamakuru ko yaje gusaba umukuru w’ico gihugu Alassane Ouattara ko yomushigikira akazoshikira ikibanza ariko arahiganirwa c’ukurongora ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kuva mu mwaka w’1987 gushika mu 1993, hamwe n’ukuva mu mwaka w’1996 gushika mu 2003, yabwiye abamenyeshamakuru bari bitavye ikiganiro yatangiye mw’ihoteri y’i Abidjan ko umwanya wose yamaze arongoye Uburundi yagerageje kubuteza imbere, guteza imbere Afrika, hamwe n’uguteza imbere ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Ku bwiwe rero, icipfuzo afise n’uko ubwo bushobozi yakuye mu mabanga yagiye arazezwa bwogirira n’akamaro ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa ariko ahiganirwa kurongora, akaba avuga ko azoshira imbere gukomeza ubutunzi bwa Afrika, kuko indyane nyinshi muri Afrika ziva ku bukene. Mu gihe Petero Buyoya asanzwe ariwe ari intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri Mali na Sahel, avuga ko ibikorwa yaranguye haba muri poritike, canke mu migenderanire n’ibindi bihugu, arivyo bizotuma ashobora kurongora neza ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa ryavutse bivuye ku masezerano y’i Niamey, kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 1970. Muri ico gihe ryitwa Agence de Coopération Culturelle et Technique (ACCT), mu nyuma rihava ryitwa OIF (Organisation Internationale de la Francophonie). Kuva mu 2003, iryo shirahamwe rirongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Sénégal Abdou Diouf ariko arangiza ikiringo ciwe. Ku magenekerezo ya 28 na 29 Munyonyo 2014, mu nama izobera i Dakar, mu gihugu ca Sénégal, niho umunyamabanga mushasha azoba agiye kuramutswa iryo shirahamwe azomenyekana, muri batanu bariko bahiganirwa ico kibanza. Muri abo batanu, bane ni abanyafrika (harimwo na Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi) hamwe n’umunya Canada umwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Buyoya ndumva yorya make akaruhuka.Ariko reka arye amahera yigihungu kuko arayizi ingene aryoshe

  • Jamais un Burundais tous des escrocs

  • Najanyatwe ntazivyo avuga yasize agite mbagaje abuze ayo yiba aja mubanyagihugu yarikaramara ngo nibamuhuhe fort de guerre rya ayo wivye arabaye nabandi barakeney kubaho.

  • CNDD FDD Ibonye ko igiye gutsidwa yafashe umugambi wo kurondera Ikintu co babaza ABANYAGIHUGU KUKO batakiyiyiyumva mwo.

    baca bafata umugambi wo gukora igishoboka ngo BICE un BON NOMBRE DES BARUNDAIS .
    *BAFASHE UMUGAMBI W’A kiliba Ondes ,BABAONYE KO VYANSE !!!!!!
    *BAFASHE UMUGAMBI KUGIRA EBOLA Y’INJIRE MUGIHUGU.

    *BATI? TURUNGITSE ABAGANGA KUYIGWANYA ,NTIHAZOBURA NUMWE AYIZANE ADOMEKE .NAKARE NATWE "ABATEGETSI DD" tuzoba dufuye kobanse kudutora .uwuzotsinda azoca hahera iminsi YATAYE UMUTWE: natwe DD tube turateka umutwe ingene tubigenza .

  • Bashingantahe ,bakenyezi ,buyoya avhaka iki.??ahubwo ashyikirizwe sentale kubyaha yakoze, yagandaguye ibikomangoma

  • Nibareke uwo mutama yitoze tumushigikire n’umushingantahe s’umugabo nk’ababandi.Emwee!niwe yazanye intwaro rusangi;akuramwishamba CNDDD-FDD bishwe na kwashi ngo bariko barwanira agateka k’abahutu bashitseho bagaza Kurebamwe muribo bamwe barocwa abandi barangazwa.uwumuruta ninde?Yatanze igihugu mu mahoro ;burya hari umurwa mukuru w zone bafashe???Umuntu amucoza ntiyubaha.Ahubwo naze abogore igihugu catemvye.Mutama komembagajwe n’abo yagisigiye.Komera Turin inyuma yawe mutama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.