IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa arasubira kurenguka

Petero Karaveri Mbonimpa arasubira kurenguka

vendredi 23 Rusama 2014

Inyuma y’iyinga yose ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Petero Karaveri Mbonimpa ararenguka mu gisata ca sentare nkuru y’igihugu mu gisagara ca Bujumbura (Chambre de conseil).

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH, akaba aza kurenguka kuri uwu wa 23 Rusama uyu mwaka, aho ariko yagirizwa guhungabanya umutekano hagati mu gihugu n’inyuma y’igihugu, mu gushaka guteranya ibihugu bibanyi vya Kongo iharanira intwaro rusangi, hamwe n’Uburundi, mu kuvuga ko hari imyimenyerezo ya gisirikare ku rwaruka iriko ibera ku butaka bw’ico gihugu kibanyi.

Mukamenya ko amashirahamwe atandukanye abandanya gusaba ko uwo mutama w’imyaka 66 y’amavuko yorekurwa, kuko atakimwagira. Petero Karaveri Mbonimpa ababizi, akaba amaze imyaka itari munsi ya 20, avugira abantu barenganywa batandukanye na cane cane abapfungwa, canke abagiye baratorwa ibiziga bakuwe mu busho canke ahandi. Mu ntahe yo kuri uwu wa gatanu akaba ariho baza gufata ingingo namba yoburana yidegemvya, canke agasubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Barindiriye iki? Aho ntibomuha impembo y’ivyo ahejeje gukorera igihugu cacu mu kugita mu manga!! Napfungwe nk’abandi bose bahemukira igihugu ata nyanduruko

  • - Turasavye murekure uwo mutama kuko ivyo mumwagiriza ntibifashe, aho niwe ariko arahungabanya umutekano mugihu, reka kurondera ikibazo aho kitari, mbega RWEMBE yamaze abantu ubu ntiyidegemvya, Vital BANGIRINAMA ubu ntari Tanzaniya ntabandanya ahembwa na DOCUMENTATION
    - KAZUNGU we ko ataco mwamubajije kandi ariwe yagirizwa gutanga inkoho mu MBONERAKURE
    - Abishe aba FNL na ba UPD , msd nabandi ubu ntibirirwa baratembera aho i Bujumbura
    - Abishe MANIRUMVA ntibuzuye aho muba polices? Reka rero guhohotera uwo mutama , ariko ikimbabaje ni NDAYIZIGA Salvator alias NYAMIZI umututsi wo mu MUGAMBA ariko ariha ibara ngo ariko arakora ama dossier , waramaze kururwamwo we wemeye kwisiga urushanga nk’ingurube aho nta soni ufise uriko ara SIGNANT AMA MANDATS D’ARRET UTEGETSWE nabo ba dd qui rançonnent le pays et les finances sans souci de l’avernir , urikubita agashi wibuke après 2015 aho uzoba uri!!!!!.

  • Abo bagabo uwubakoreye iciza aba abikwegeyeaho baribagiye ico uwo mushingantahe yabamariye?Bgomba guhonya abantu abona ngo ahore sha namba atamitima mufise hariho abagifise umutima runtu . Badashaka uwundi mwenewabo ko amererwa nabi . Nkabavuga ngo nafungwe ntibitangajekko nibi rirahabiri bitagira aho bikagaze .

  • Turabasavye muturekere umutama kuko ntacaha yakoze kuba yavuze birya nti mwari kumufunga ahubwo mwerekanye kwivyo yavuze arivyo mwanka ko ukuri kuj’ahabona ariko bizogaragara ukuri kuzonesha ikibi na Yezu baramwishe bashira abasoda kumva yiwe ngo bacunge ntazuke ariko yarazutse kwarukugira Imana yerekane ko ikomeye namwe impera nimperuka muzobibona igihe muzobona namwe mufashwe mugafungwa kubera amabi mukora

  • Philbert kuvuga nkuwuraga burya pc mbonimpa niwe yatay igiugu mukaga???uwunaniwnivyakor avuga ngo ikirago kiranyereraa,vyabananiye gutwara non mwirirwa mwica abantu ijoro numurango sha haraho nawe wokajamwo rindira.

  • Bamurapiragura ingero y’icaha n’urupfu, umunik’agatu wicaye mukukamanura.!?mbe aho muhema muhorobezank’umuserebanyi !Ab’iwanyu bakimuhanda kuko mweho mbona mwanditse nta n’ivyo mwishoboreye mwamugir’igikoresho mwe na benewanyu,ubwo nti mwihenze ko yob’afit’ubudahangarwa?ahubwo mpejeje gusoma ngo mwimirije kuja muma barabara mwambaye wa mwambaro w’aba prisonnier, ntimuzowambare gusa!muraca musaba kumusangayo mumareyo na mitende 6mois mwifadikanye nawe mwoba mukoze

  • Yakobo urigipfamutima pe! burya igihe unomusi hariko harenganwa urukwavu imbwa zirurenganya atanakimwe ruzira hewe uruhigi ruzohindukira hamwe imbwa ibonye urukwavu yiruke namwe hazogera igihe abarenganya abandi nabo bafatwe rindira Bizotinda bibabane amakuba

  • ahubwo nasubire mumpimba urazi ngo imyaka 66 mwibazako atabafise imyaka 100canke inzoya canke inda yagomba guta mumanga

  • Iyo ntagondwa ngo ni Mbonimpa nibayikanyage!!! Kubona itwereka amafoto ya M23 !!!! Ndizera ko abashinzwe gereza bamwumvisha uburyohe bw’ikiboko!!!Naho ubundi iyo nntagondwanibayihane bayikatire burundu!!

  • nelson ko birirwa bicabantu we nturumuntu kutarapfa ?? muhimye agatabi bamukaryamika!!Ubu niho mutanguye kubona abapfa?kuva intambara itanguye?,ahubwo uwabahenzeko muzokwitwara uko mushatse yarababeshe uwusaze nukuboha mwamihimbirimwe murazi ko igihugu kirwanigwa hamanamwe ngo nukugitoba!komwapanze ikiroberi bikanka none mushaka iki??reka abo mwita aba DD babatware kuko barazi ahigihugu bagikuye.muvuga bakora bakora muvuga muzosanga muri mwibarabara mwenyene abandi bibereye kumirimo.

  • DD umuntuwese yabafashinje niwe mwanka haaaa mbega umuvume wimana?? !!!"aho ntasoni reka kwigira ibikoko????iyompimba mwayisazeho ???basha democracie niziza????DD wewe ibikurindiriye ntubizi niyo uriko uraja ntaho ubona ?umwaka simunini reka tubandanye kwihagana DD 2015 bayiiiiiiiiiiiiiiiiiii ubutakigaruka peeeeeeeeeee

  • MU BURUNDI NONE BAREMEJ BAGENDERE KURI LOI DE LA JINGLE L’ANIMAL LE PLUS FORT IRYE LE MOINS FORT?NTIBAZODUHEZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.