IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye ibohero rya mpimba

Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye ibohero rya mpimba

vendredi 16 Rusama 2014

Inyuma y’ukwumvirizwa umunsi wose ku mutahe wo kumuhagarika wasohowe na Arcade Nimubona, Petero Karaveri Mbonimpa, Umukuru wa APRODH yinjijwe Mpimba.

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH akaba yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza atwara parake ya Bujumbura Arcade Nimubona. Ico yagirizwa ntawurakimenya, ariko mukamenya ko yari asanzwe afise umutahe wo kuzitaba ku wa mbere w’indwi iza, igenekerezo rya 18 Rusama uwu mwaka, ndetse Mbonimpa akavuga ko yonawitavye.

Ariko amakuru amwe akavuga ko uwo arongoye rimwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike yoba yagirizwa ivyo yari amaze iminsi ashikiriza mu binyamakuru bitandukanye, aho yavuga ibijanye n’umurwi w’urwaruka uri mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi, uwo murwi nawo ukaba woba uriko ukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare, aho ndetse yanatanze n’amasanamu y’urwo rwaruka, aranavuga n’uwitwa Kazungu akorera igendereza ry’Uburundi yoba akorana n’uwo murwi.


IGIHE

Messages

  • ndashimiye ubucamanza biriyambitse umutamana!! umutama nkambonimpa ataranya bene gihugu???

  • Turakeje ubutungane ku gikorwa ciza bakoze!! Abacafuza igihugu cacu bose nta mahoro bazokironkana.

  • Mpimba arayimenyereye kuva kera.ahubwo bariko bariboma. Ntiwopfung,umuntu kubera I prison Ari uburyo bwo kumubuza kuvug,ukuri

  • Bosco na philbert ntawobura kubashimira nanyu cokimwe na Arcade uwo mucamanza gusa iyaba vyoshoboka uburundi mwobugurishije maze umwe wese mukamuha akiwe akimenya canke ubona bobucucaguramwo ama obi maze hazobaho uburundi bushasha.igihugu kitagira ubutungane,demokarasi nubumwe.Emwe nuwo mukuru wigihugu nubwo asenga ntacasenga adashobora gufata ijambo!!!

  • CNDD YIPFUZA GUHEREZA BOSE MUMPIMBA UBUNAHO GUTABAZA IMANA PETER WE GEZAHO WIBUKEKO GORIYATI YIGIRA IGIHANGANGE YISHWE NUMWANA MUTOYI NAMABUYE 5 IMANA IGUHEZAGIRIRE IBIKORWA VYIZA URIKO UKORERA ABARUNDI .

  • Umva mwabugabo mwe bosco na philibert,naho ivyavuga bitoba arivyo,ntibari kumufunga ataburanye kuko amatohoza bamugizeko yarayo gukorerako kugira bamenye ko ivyavuga arivyo canke atarivyo!None ko wumva ubutungane bwiyambitse umutamana,yapfunzwe n’ingingo zakangahe?Icaha icahe?Ikiringo kingana iki? Emange ko ubwo bita ubutungane bukwiye gusezererwa canke buje mwikonji! Harubutungane butegekwa ingingo busoma kuri telphone!Nibara!

  • Mwebwe mwashimiye ubutungane nanje ndabashimiye kuko niciyumviro canyu ariko twibukanye kahise.Muza 95 kuduga aba porona babonye umu cndd fdd yapfuye,yapfunzwe,...baranezerwa wanashaka benshi batanga imiduga igafasha mu gisoda.Uno musi wamunezero baracawufise?ejo ntawuzi ivyaho ariko birababaje. Reke gukomantaza imitima bene wacu

  • Murihenda. Ukuri kuzoboneka iryo terabwoba ryoryo turarimenyeyeukomufunga bandi niko namwemuzofungwa nuwakubatse yabanze kugafungigwamwo ariko Murabesha muzohava kuko imana irabonaivyo Mukorera abarundi nabarundikazintamvura idahita namwemuzohita mishimba mubesha!!!

  • Murihenda. Ukuri kuzoboneka iryo terabwoba ryoryo turarimenyeyeukomufunga bandi niko namwemuzofungwa nuwakubatse yabanze kugafungigwamwo ariko Murabesha muzohava kuko imana irabonaivyo Mukorera abarundi nabarundikazintamvura idahita namwemuzohita mishimba mubesha!!!

  • philbert, uyu numwanya waw wokuvuga ivyo wishakiye, ariko ico womenya coco nuko itamvura irwa idahita!!!!!!!!!!Murakoze.

  • Ndatangazwa cane nirementanya rigirwa nabarundi ubwabo bacafuza igihugu cacu cuburundi politique nimba yarabananiye solution sugucanishamwo abarundi mugucafuza igihugu mumakungu kuko udakinye politique urakora nakandi kazi ukabaho.Uwomutama rero nabamutumye nibateshwe bate bashaka boba aba patriote bagakunda igihugu cabibarutse bizobafasha nabana ,nabuzukuru babo.sinon kwisamburirakonkimpene ntaco bimaze

  • Ebaga!ubutungane bwuburundi buzokwiha agateka ryari?burakenyey imvugakur zos bazitotez?ntavura idahita!!

  • ahubwo nsanze ryaraguye utoba urumurundi? kuko nimba urumurundi reka kwirabisha iruhande.wararavye neza irya mivyimba??? ndasubiyemwo mbonimpa uburundi burwa mukaga ntiyari bwakure?? câble aziko abarundi tudaserengura ngotumenye ibiba mbega izombonerakure avuga harimwo abahungu biwe bangahe ??ahubwo kubwanje baribakwiye kumucira imvyaka 13 kuko ninkoziyikibi mugushaka guteranya abarundi naba congomani .mbega muri Congo kwataco barabivugako turetse barya banyagihugu bo mukiriba ondesi gukoresha ngobavuge ivyo batazi kuberiki atuvuga abokwa nzabampema wryitangarije amakungu Ko agiye gutera igihugu akavuga imbonerakure!!! mbega kazungu bapfiki???

  • ces dd, ils ne peuvent que cela,qui peut prouver le contraire?

  • Ni bamubohe ARAGIRA NGO ARIYA MAFOTO YA M23 yari kumusiga.??

  • Basha ntaco mwakoze kuko ejo muzoba mureha .uyo amakungu aramubona iryo terabwoba ntaritinya mbe murazi icamutumye aba umukuru wa aprodehash?mumpimba kuriwe ni nkimuhira.after 1week he will come Back @home.peter nawe nabaguhenda. Bose uzoca umusubirira inyuma yama tora 2015.

  • NANJE SINOBURA GUKEZA UBUTUNGANE KUKOBUKOZE IBIKORWA VYIZA NTAKUTINYA IJUNJA RYUMUNTU AYOMAFOTO YAM23 YARAMUHUMIYE

  • Imvugo nka ziriya zo gushaka guta igihugu mukaga nizo kwiyamiriza. Nciye nibuka Umuzungu w’umwongereza yasomye amakuru yandikwa inyuma y’amatora ya 2010. Ico gihe yasomye ngo:" Le Burundi va tomber dans le goufre selon Rwasa Agathon." Yaciye aza kubaza insiguro. Amenye ico bisigura yaciye atekera utwiwe araheba poste y’Umu DG wa societe yahembwa 5 mille dollars n’inzu i Kiriri.... None n’ubu ntibahaga kwama bahahamura abarundi n’abanyamahanga kubera inyungu zabo gusa.

  • Ni bamubohe nyene!! Yagiye kutwereka ifoto za M23 ngo ni Abarundi hhuuuu aza yafatwa sha urwo rukino ntawutaruzi ubu igihugu kirimwo abagabo si kera aho twahendwa uko twigombeye

  • Oyayararengereye kabisa, biteyisoni kubona umuntu yishiramwo kwanduza igihugu ciwe mumakungu bigeziyo!!! Ariko ngobakunde bakureho iyi reta vyasebikunze! Ngivyorero Perezida wigihugu cacu Pierre Nkurunziza ivyoyavuze akebura abarundi yavuvuzati abazotega imitego reta yu Burundi nibo izofata, none nguyuwambere nako uwugirakandi umushize mumpmba uyundi wamumajije kukibugacindege comu Bubiligi hafi indwiyose, abandi bafashe aba polisi bigihugu barabicarika bibaza ngobagombabate mumutego reta mwarabonye ivyabashikiye, kandiburya amakwi adusumira barya ba polisi bamaze gufatwa bakabaka inkoho, ngoziryankoho ruyarwaruka rwa Alexis rwaciye ruzikoresha mukuzirashisha ariko habati mbara barashe bagenzibabo! Akataretse rero kabagasema, ba Pacifique , na Vital, ati hwe!!! akarinyuma karahinda bibwirwabeshi bikumvabeneyo, mudutuka dusenga muvugayamuhe dukora.

  • Mutama imvura iraca tweseturavyemera ariko witeze umuvo uraguhitana ntakabuza 2 ati urya azwinamakungu uburundibwarikiye muvyankamuvyemera none twetwahunze amakungu atariho bamanirumva ndadaye naretayiwe abaganga bingozi agnes billi nabandi beshi amakungu yarihe? Gusa iconsaba abarundi gutekereza bagacabugufi ntimumere nkababandi ngo mungonze murandiha

  • uwamufunze ndamuhaye% ace amukatira imyaka 30bamushire mukasho ko murumongi haryahari amazi hamwe buyoya yafungira abahutu

  • jewe ndavy bensh benshi ivy bagerageje kuvuga,uwuri n’amaso yo kubona nabone,uwufise amatwi yo kumva naw niyumve.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.